Burundi: Amande amaze imisi atangishwa abategetsi yoba yanditswe mumategeko?

Burundi, amakuru

Haramaze imisi hibonekeza abategetsi bacibwa amande atangana bivanye n’uwuyaciwe muntara zitandukanye. Abahinga muvy’amategeko bakabonako hakwiye kujaho amategeko yisungwa mugukinga ko hoba abokwikika mu kiza bagaca amande bishakiye.

“Mu bisanzwe amategeko y’igihugu ategeka y’uko abanyagihugu bangana imbere y’amategeko, icaha n’igihano bitegerezwa kuba vyanditse mumategeko kugirango abajejwe gukurikirana ivyaha canke abajejwe gukuririza amategeko mu gihugu bababuze kwishingira amategeko yabo canke barenganye abanyagihugu.”

Vital Nshimirimana arongoye urunani rw’amashirahamwe FORSC
Umviriza amajwi ya Me Vital Nshimirimana yahaye ikinyamakuru Itara Burundi

“Amande ashobora gutandukana ni amande acibwa na sentare kuko uwufata ingingo ashobora kwihweza ico amategeko avuga. Bikaba bitegekanijwe mumategeko mpana vyaha aho umuntu ashobora guhanishwa amande ava kugitigiri kanaka canke agapfungwa” umushingwamanza Janvier Bigirimana arongoye ishirahamwe Tournons la Page Burundi, akaba nawene ari umuhunga muvy’amategeko.

Umviriza amajwi ya Me Janvier Bigirimana yahaye ikinyamakuru Itara Burundi

Abo bashingwamanza bose bahurizako amande acibwa abanyagihugu akwiye kuba yanditswe mumategeko kugira uwukoze ikosa abe azi n’amande aca atangishwa, ibiriko birakorwa bakabonako ari akajagari.

Kubwa Gérard Hakizimana arongoye ivy’ishirahamwe FOLUCON F ryegereye ubutegetsi wewe abonako abantu batoriha amande angana kandi batadandaza ibintu bingana kandi harimwo n’abari bajejwe gukurikiza ayo mategeko nyene.

« Ico gushima n’uko hariko harahanwa n’ababitwako bari intakorwako »

Gérard Hakizimana arongoye ivy’ishirahamwe FOLUCON F

Akabonako barinze kuja muvyo kwandika amategeko ajamwo ivyo bihano bohava basanga bagiye mumpari z’uko yandikwa bamwe ngo yanditswe n’abi abandi ngo gir’uku na kuriya, agasaba reta kubandanya umuvuduko iriko wo guhasha abarenga amategeko

Twababajije ivyo bibazo dufatiye kumande y’umuriyoni (1000 000FBu) aheruka guhanishwa Aimée Laurentine Kanyana, umuhanuzi mu biro vy’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye akaba yahoze ari umushikiranganji w’ubutungane ahorwa kuba atibomoreye inyubakwa iri mumetero 6 zegereye ibarabara abandi batangishwa 100 000FBu, umushingamateka Hatungimana Athanse batazira Cokoroko yatowe muntara ya Bururi yahanishijwe amande y’ibihumbi amajana abiri (200 000FBu) yagirizwa kuduza ibiciro vya BRARUDI mugihe umukenguza Spés Caritas Njebarikanuye yagirizwa kutadandaza neza isukari ya SOSUMO yahanishijwe igihano c’amande angana imiriyoni zibiri (2 000 000FBu) akongera agakurwa mukibanza yarimwo co kuba icegera ca kaburi c’umukuru w’inama nkenguramateka.