Kuri uyu wa 25 myandagaro 2020 habaye amatora y’abarongora inama nkenguza mateka i Gitega ahasanzwe hari icicaro cayo, Pasitori Emmanuel Sinzohagera akaba ariwe yatowe ngo ayirongore.
Nkuko bisanzwe bigenda iyo umuntu ashaka gutsinda amatora, Emmanuel Sinzohagera niwe wenyene yitoje mur’ico kibanza, ibishobora kuba bifise imvo zatumye atawundi bahiganwa, mubonako Pasitori Emmanuel Sinzohagera wo mw’ishengero rya Méthodiste Unie bivugwako yari akadasohoka na Nyakwigendara Petero Nkurunziza, umukuru w’igihugu bari basanzwe bava no muntara imwe.
Abategetsi benshi bakomakomeye bakaba baturuka muburaruko.
Hon Gélase Ndabirabe, umukuru w’inama nshingamateka ava mu ntara ya Kayanza,
Ir Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi ava muntara ya Kirundo,
Ibrahim Uwizeye, umushikiranganji w’amazi, ubutare n’agataka ava mu ntara ya Ngozi
Amb. Albert Nshingiro, umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ibindi bihugu ava muntara ya Karusi
Uwutwara iperereza ava muntara ya Muyinga hamwe n’abandi bategetsi, aho havugwa intara zitariko ziraronswa abategetsi bakomeye ku rwego rw’igihugu nka Rumonge, Makamba, Bururi, Rutana, Mwaro na Bujumbura.
Tubamenyesheko Spès Caritas Njebarikanuye yagumye mu kibanza c’icegera ca mbere c’umukuru w’inama nkengunzamateka, Cyriaque Nshimirimana nawe aba icegera c’umukuru w’inama nkenguzamateka.