Burundi : Petero Nkurunziza azoba aruta umukuru w’igihugu azomusubirira.

Mu nteguro z’amategeko 2 inama nshingamateka yemeje kuruno wa kabiri igenekerezo rya 21 nzero 2020 azotuma umukuru w’igihugu atekererwa amafaranga menshi kandi akazoguma ahembwa ubuzima bwiwe bwose.

Mugihe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarasanzwe yaragomwe n’umugambwe CNDDFDD aturukamwo ngo awubere imboneza yamaho, ubu naho umushikiranganji w’ubutungane Laurentine Kanyana yasavye inama nshingamateka ko yotora itegeko rimutandukanya n’abandi bakuru bigihugu batwaye canke botwara biciye mu biganiro canke batembagaje intwaro. Akaba yadugijwe kw’igarade ry’umurongozi w’akararoro ibizotuma ashobora kwamana ijambo rikomeye mugihugu.

Hambavu y’ivyo, inama nshingamateka yaratoye integuro y’itegeko riha uburusho umukuru w’igihugu ahejeje ikiringo ciwe neza; Aha ikaba yatoyeko azotekererwe amafaranga aziye hamwe umuriyaridi (1 000 000 000FBu).

Umuriyaridi w’amafaranga y’amarundi akaba angana n’umushahara w’uwohembwa imiriyoni zitanu kukwezi (5 000 000FBu/mois) ikiringo kirenga gato imyaka cumi n’itandatu, akangana n’umushahara w’ukwezi kumwe w’abakozi 5000 boba bahembwa amafaranga ibihumbi amajana abiri (2000000FBu/mois) akangana kandi n’amafaranga ikomine imwe yokoresha ikiringo c’imyaka ibiri ihawe bungana n’imiriyoni amajana atanu (500 000 000FBu/an) zihora zihabwa kumwaka.

Iki canyuma kikaba carateye amakenga umushingamateka umwe mu banshingamateka bari bakoranye gutoraiyo nteguro y’itegeko.

Kiretse uwo muriyaridi azotekererwa, uwuzoba yahejeje ikiringo c’umukuru w’igihugu neza, azobandanya ahembwa amafaranga angana n’umushahara w’umushingamateka w’ico gihe ateranijweko n’ica gatatu c’ayazoba ahembwa umushikiranganji wambere. Ari nkahamwe umushingamateka yoba azohembwa 3 000 000FBU umushikiranganji wambere agahembwa 6000 000 kukwezi , Petero Nkurunziza azoca ahembwa imiriyoni zitanu zitanu kukwezi (5 000 000 FBu) ubuzima bwiwe bwose.

Aya akazoba yiyongereye kuramwe umuriyaridi twababwira.

Ikindi n’uko azoca yubakirwa ikirimba mu buryo bwa reta kandi ikazoca imuha ivyazokenera vyose mukubaho haba muguhemba abakozi n’ivyo gufungura(intendence mugifaransa).

Tubamenyesheko iryo tegeko niryasinywa rizoba risubiriye iryari ryarasinywe kw’igenekerezo rya 9 Kigarama 2004 aho ryemerera uwuhejeje gutwara igihugu kuba umukenguzamateka ubuzima bwiwe bwose. Ivyo ntivyabujije inama nkenguzamateka ihari ubu guhagarika ubwo burusho bwahabwa abahoze ari abakuru b’igihugu ivugako ari ugusesagura amafaranga ya reta ihemba abataba batowe n’abanyagihugu naho atategeko risubirira iryambere ryari bwajeho.