Burundi : Clément Nkurunziza yaraye asabiwe umunyororo wo guherayo ataburanye.

Urubanza rwa Clément Nkurunziza yirukanywe muri Amerika kumwaka uheze yimwe ubuhungiro kubera ivyaha yagirizwa rwaraye ruburanishijwe i Ngozi aho apfungiwe ejo kw’igenekerezo rya 22/01/2020.

Yunganiwe n’abamuburanira, Clément Nkurunziza akaba yarase kuburana imbere ya sentare nkuru ya Mukaza aho yari yamusanze i Ngozi; Bakavugako urwo rubanza rurimwo utunenge twinshi, ko sentare atabusha bwo kuruburanisha ifise mur’iki gihe. Sentare inyuma yo gushira mu mwiherero izo ngingo Clément yavugako zitayemerera kubandanya iruburanisha ikaba yahisemwo kubandanya iburanisha Clément Nkurunziza.

Clément Nkurunziza yasavyeko sentare yomuha kopi y’urubanza yaciye mumwiherero ngo akabanze yunguruze urubanza ariko sentare ikaba itahaye agaciro ivyo asaba nawe be n’abashingwamanza biwe baciye banuma barukurikirana nk’abarorerezi.

Ministére public ikaba yamusabiye urubanza rwo guherayo sentare ica irushira mumwiherero.

Tubamenyesheko urubanza rwa Clément Nkurunziza yagirizwa kuba yarishe abanyeshure bo muri kaminuza y’uburundi 1995 aho yararongoye ishirahamwe ry’abanyeshure ASSER be n’urubanza rw’abagirizwa urupfu rwa Ndadaye Melchior 1993 arizo reta y’uburundi yahisemwo kuburanisha mubwicanyi bwose bwaranze intambara yamaze imyaka cumi(1993-2003) bamwe bakabonako ari imanza za politike zociwe uburundi buri mumahoro n’umugwo wo kunywanisha abarundi no kurekuriranira CVR umaze kurangiza igikorwa cawo.