#Burundi: Reta ishaka kwigarurira amashengero no kuyatwara amafaranga kugira izoyakoreshe mu matora ya 2020.

Abarongoye ishengero ry’aba adventiste bo ku musi w’indwi kw’isi yose bafise icicaro muri reta zunze ubumwe za amerika, bamaze kwumva inyifato y’umupasitori yitwa Joseph Ndikubwayo yariserukira mu Burundi, ko ashaka kuryinjiza muri politike, baciye bamubogoza mu mabanga yo guserukira iryo shengero imbere y’amategeko mu Burundi ariko reta iranana.


Mu vyemezo bashira imbere nk’uko isoko yacu mu begereye iryo shengero ribitumenyesha, vyari bimaze kugaragarako ishengero risigaye ryitabira ibikorwa vy’umugambwe uri ku butegetsi aho uwo Joseph yanashatse gucanishamwo abakirisu abasaba ko abashigikiye ibikorwa vya reta bokwivangura n’abatabishigikiye nabo bakabibonamwo gushaka kubakwegera. Bitayeko uwo mu pasitori Joseph yategetse urwaruka rw’iryo shengero kugira defire ku musi mukuru wo guhimbaza ukwikukira kw’uburundi wabaye kw’igenekerezo ya 01 juillet 2018, ivyababaje uburongozi bw’iryo nshengero kw’isi yose busanzwe aribwo butanga intumbero y’ibikorwa vy’ishengero nawe akaba yabikoze atarinze gusaba uruhusha.
Kuva kw’igenekerezo rya 06.11.2018 aho Pasitori Joseph Ndikubwayo yabogozwa agasubirizwa na Pasteur Lameck Barishinga gushika ubu ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu ntibwigeze bwemerako haba ibisikanya hagati y’uwo mushasha n’uwahahora. Umushikiranganje Pascal Barandagiye akaba yaranakuriye inkoni ku gugishitsi abapasitori 116 bituye umuhuza w’abarundi, Edouard Nduwimana avugako bariko bata umwanya, ko atamuti bazotora ku muhuza w’abarundi barenganye ubushikiranganji arongoye.
Gushika kw’igenekerezo rya 10.5.2019, isoko ry’amakuru yacu ritumenyeshako hari hamaze gutabwa muri yompi abapasitoori 24 bo muri iryo shengero harimwo Pasitori Lameck Barishinga , bagasabwa kwemera uburongozi bwa Joseph, asanzwe ari umwana w’uwigeze gurongora iryo nshengero babone kurekurwa, ariko nabo gushika ubu bakaba barahakanyeko batarota bahemukira Imana n’uburongozi bw’ishengero kwisi yose. Reta y’u Burundi bikavugwa ko yashoboye kwiyegereza abapasitori 8 bashigikira Joseph muri 142 bagize iryo nshengero kandiko yipfuzako amafaranga ari kuri konte y’ishengero iri muri #BCB yababa imiriyaridi zitatu z’amafaranga y’amarundi(3000000000FBU) yokugwamwo ayo guterera amatora ya 2020.
Abakirisu bakaba batiteguriye kwemera guhindura urutonde rw’iryo ishengero rimaze imyaka mirongo itatu n’itanu rikorera mu Burundi kubera inyungu z’umugambwe uri ku butegetsi nk’uko isoko y’amakuru yacu ibandanya ibidushikiriza.
Tubamenyesheko ibikorwa vy’iryo shengero vyinshi bishobora guhagarara atagikozwe bivuye kurizo mpari zatumye ibanki BCB ibangira kwemera gusohora amafaranga yiryo shengero asinyiwe n’umuntu yakuwe kugutinyako yogwa mu mutego ikazosanga iriko irayariha.
Umugambwe uri ku butegetsi umaze igihe utungwa urutoke mu kwivanga no mu gucanishamwo abarongoye amashengero ngo ube ariwo utunganya ibikorane mpuzamashengero bitawugoye, ndetse ukaba uriko urubaka n’ingoro yabigenewe i #Gitega yiswe #igicaniro;Aha tugatanga uburorero bukurikira:Ishengero rya pentecote ry’ i Nyanza Lac ryahawe ku nguvu umupasitori Jonathan Kidebuye;Amakete yanditswe n’abakirisu b’ishengero rya Pentecote ryo ku Ntahangwa yiyamiriza uburongozi bwaryo, ejo bundi hagaterwa grenade mu rugo rw’uwurirongoye ariko kakaba akamizwe n’ingoma; Itaganzo ry’inama nkuru y’abungere b’ekleziya katorika mu Burundi ribuza gutanga amajambo yahora ahabwa abategetsi b’igihugu mu masengero; ingorane zahitiye muba islamu ndetse n’inama iheruka kubera i Gitega mu kwezi guheze isaba amashengero yose guterera amatora ya 2020 hatarenze mukwezi kwa gatandatu 2019 n’ibindi tutadondaguye.