Mugihe hariko haba ihanahanwa ry’ivyiyumviro kuri uyu wa 17/5/2024 kubijanye n’amatora ya 2025 vyatunganijwe na CENI, Nestor Girukwishaka asigaye aserukira umugambwe CNL yari yavyitavye arongoye abamuyoboka.
Ikiganiro TUBIVUGE N°001: Agashavu k’abanyagihugu – YouTube
Rwasa Agathon yawushinze ntawuzi iyo ari ariko abamuyoboka bakabona ko Nestor hako bamuha ijwi boriha CNDD FDD kuko ngo azokwama akoreshwa mugusambura.
« Kwishikana kuri Nestor twitwa ABA CNL ntibishoboka twopfuma duheba politique », Abo ni abayoboke b’i Bujumbura bariko baridoga.
Bari bazi ko Rwasa azokwitoza nk’uwigenga yamara CNDD FDD yaramaze gushira umutego mu mategeko y’uko uwutazoba akwiza imyaka 4 ata mugambwe arimwo atazokwitwa uwigenga.
None Rwasa yoba ahebeshejwe politike ubutakigaruka?
Wewe uvyibazako iki?