Burundi: Sentare mpuzamakungu (CPI) yoba igiye gusohora imitahe yo guhagarika abagirizwa ubwicanyi buriko burakorwa kuva 2015.

I LAHE mu buhorande hariko harabera inama y’ibihugu bikorana na sentare mpuzamakungu  kuva igenekerezo rya 5  kuzoshika igenekerezo rya 12 kigarama 2018 aho abaserukira amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu baronse akaryo ko kwiga uko abahohotewe baserukirwa mumanza ziburanishwa n’iyo sentare.

Muriyo nama bise ASP17, abo baserukiye amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bariyo barabonanye n’umushikirizamanza mukuru wa sentare mpuzamakungu, Umupfasoni Fatou Bensouda bakaba barashimye ukuntu yitayeho kandi afise ishaka ryo kuzorengutsa abakekwako ivyaha bikomeye biriko birakorwa mu Burundi.  Bikanavugwako n’iyo  sentare mpuzamakungu ishobora gusohora imitahe yo guhagarika abarundi bagirizwa ubwicanyi n’ayandi mabi mu misi ya vuba.

Tubamenyesheko uburundi bwavuye muriyo sentare mpuzamakungu igenekerezoi rya 27 z’ukwicumi 2017 nayo yamaze kwugurura amatohoza ku burundi igenekerezo rya 25 ukwo kwezi nyene ariko ikaba yari yabikoze mwibanga ikabimenyesha munyuma kandiko n’ubu mu burundi habandanya havurwa amabi akorwa uko bukeye uko bwije.

Tubitutseko kuva mu kwezi kwa kane 2015 aho Petero Nkurunziza yamenyesha ko azokwitoza ngo atware ikiringo kigira gatatu kandi ibwirizwa nshingiro ryo muri 2005 ritavyemera hisunzwe amasezerano y’i Arusha ryakomokako harabaye imyiyerekano yahavuye ivamwo ihungabanywa ry’agateka ka zina muntu bituma abarundi barenga ibihumbi amajana ane bahunga, ibihumbi birenga 2000 bakicwa, abarenga ibihumi bine bagapfungwa abarenga amajana 700 bakaburwa irengero nkuko bivurwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu,