Nk’uko twabisomye k’urubuga rw’ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu FORSC kuri uno w’Imana igenekerezo rya 30 kigarama 2018, abapolisi barateye kungo zitatu z’abatavuga rumwe na reta bahungiye mu mahanga ku wagatanu igenekerezo rya 28 kigarama 2018.
Abo bapilisi bateye kwa Onesime Nduwimana, kwa jenerari Gaciyubwenge hamwe no kwa Edouard Nshimirimana bari bambaye umwambaro w’akazi. Barafashe baja gupfunga abazamu bari baharaririye baca bahasiga abahacungera boba ari abakozi b’iperereza.
Muri FORSC bavugako ivyo bibaye inyuma hayo Laurentine Kanyana, umushikiranganji w’ubutungane amenyesherejeko hari amazu y’batavuga rumwe na reta azofatwa akagurishwa icamunara.
Reveriyano Ndikuriyo, umukuru w’inama nkenguzamateka y’uburundi, mu mwaka wa 2016 yategetsi abapolisi n’imbonerakure ngo bice abatavuga rumwe na reta bo mu makaritiye agwiriyemwo abiyamirije ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza kugira bafate amazu n’ubundi butunzi bwabo.
Iryo shirahamwe ribandanya rimenyeshako iyo ngingo isa n’iyigeze gufatwa kw’igenekerezo rya 6 z’ukwakane 1972 yo gufata amazu n’ibintu vyabiswe « ivyitso ».
Rikamenyeshako Petero Nkurunziza yoba atinyako hashobora kuba uwundi mugwi w’abiyonkora ku mugambwe wiwe agaca atanga ubutumwa bukurikira : « Mushaka kubona ivyo babonye ? » nk’uko abamwegereye babishikiriza.
Tubibutse ko ivyo gufata ubutunzi bw’abahunze bije vyiyongera ku ngingo y’umukuru w’igisagara ca Bujumbura yo gufatira ibihano abafise amazu adatanga amakori. Iyo ngingo ikaba yanateye impari bigatuma iyo ngingo bayibangirako.
Hari n’izindi ngingo harimwo nk’iy’ibanki nkuru ya republika y’uburundi yafashwe yo kubuza amabanki yose akorera mu Burundi yo kwakira ama chèque arenza ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu(250000FBu) yanditse k’uwutari nyene konte, bikumvikanako uwutagihonyoza ikirenge mu burundi ataburenganzira aba akironka bwo gutora amafaranga yiwe tutavuze amakonte y’abahunze yafashwe na reta.
Abahinga mugutatura amatati bidaciye mu ntambara bakamenyeshako reta y’uburundi yoba igeze ku ntambwe yo hejuru mu gutegura ihonyabwoko kandi ko atagikozwe mu maguru masha ngo iyo reta yemere ibiganiro bihuza bose atayindi nzira izoba isigaye atari gushira igihugu mu ntambara.
Soma iyo nkuru kuri site ya FORSC forscburundi.org
#Burundi #Ubutungane #Laurentine_Kanyana #Politike #Bujumbura