Nk’uko amakuru dukura mubegereye umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD abivuga, umuhisi umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ntibamenya neza uko bogenza ikiziga ciwe mugihe kigandaro caheze kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 14 ruheshi 2020.
Nk’uko ayo makuru Ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, bamwe boba bipfuzako Petero Nkurunziza yoshingurwa nk’umwami ariko bakabikora kuburyo bwa kijambere ikiziga ciwe ntikibore mugihe umwami ikiziga ciwe bagishira abantu kigasangukiraho. Aho bikavugwa ko kuri Petero Nkurunziza wewe ikiziga bogishira ahantu gihagaze bakagisiga imiti kugira ntikibore abahita bose bakazoza barakiraba abandi bakipfuzako yofubwa nk’abandi bose ariko ahantu hiyubashe.
Hari abipfuzako yoshingurwa kungoro y’umukuru w’igihugu yitiriwe Ntare Rushatsi mbere bagaca banayihindura izina bakayimwitirira narirya yubatswe kuntwaro yiwe, abandi bati yoshingurwa i Gitega kucibutso c’ubumwe bw’abarundi, hari nabipfuzako yohambwa iruhande y’intatemwa y’incungu yo kwikurika Ludoviko Rwagasore i Kiriri mugisagara ca Bujumbura.
Petero Nkurunziza akiriho yasize samurarwa Evariste Ndayishimiye mugihe samurarwa mu kirundi rikoreshwa ihege baganduka kuwuba yashengeye asize uruvyaro, mur’abo umuryango ugacaguramwo umwana umwe w’amaraso kugira azosigare aratunganya ivy’urugo, uwo samuragwa yasize bikavugwako afise uruhagarara rwo kwihutira kurahira no gushinga reta kurusha ivyo gushingura uwo agira asubirire kubera vyo vyo bizokorwa na reta atacihuta.
Tubamenyesheko umukuru w’igihugu yapfuye kw’igenekerezo rya 8 ruheshi 2020 mubitaro vy’i Karusi aho yahitanywe n’ingwara gushika ubu reta itashoboye gushira ahabona ikavugako umutima wiwe wahagaze giturumbuka. Bikaba bitamenyesheje aho ikiziga ciwe kibitswe bigatuma hari n’abagira amakenga ko hoba hari icinyegeje inyuma nko kugira amatohoza k’urupfu rwica canke ko hoba hari imihamuro yoba iriko iragirwa mwibanga kukiziga ciwe.