Imipaka y’u Burundi n’u Rwanda yasubiriye gupfungwa

Inyuma y’ikiringo c’umwaka hafi n’igice uburundi busubiriye kwugurura imipaka buhana n’igihugu c’urwanda yariyugawe n’umuhisi Petero Nkurunziza  guhera muri 2015, bwasubiriye kuyipfunga kur’uyu wa kane igenekerezo rya 11 Nzero 2024. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rusangi Martin Ntinteretse yavuzeko imipaka yapfunzwe kubera basanze bafise umubanyi mubi « Paul Kagame » umukuru w’igihugu c’urwanda.

Martin Ninteretse mumajambo yakoresheje amenyesha abari bitavye inama yagiriraniye n’abarongoye abandi muntara ya Kayanza, intara ihana urubibe n’igihugu c’urwanda kandi itwarwa n’umusoda, yavuzeko imipaka y’urwanda n’uburundi yugawe guhera ubu.

« Kubera twasanze dufise umubanyi mubi, Paul Kagame, umubanyi mubi, Président w’u Rwanda, twarahagaritse imigenderanire nawe gushika abanze yihanure… » Umushikirangani muvyo ajejwe harimwo umutekano, Martin Ninteretse.

Ayo majambo ya Martin Ninteretse akaba ataho atandukaniye n’ayaramaze imisi avugwa n’umukuru w’igihugu ca reta iharanira intwaro rusangi ya Congo Félix Tshisekedi aho wewe hambavu yo gushira mumajwi umukuru w’igihugu c’u Rwanda,  yamenyeshako atsinze amatora yabaye kuwa 20 kigarama 2023 atakindi azokora atari ugutera urwanda.

Amajambo yerekana ko uburundi bushobora gupfunga imipaka yari yatanguye kuja ahabona mu kiganiro umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yashikirije abanyagihugu ari muntara ya Cankuzo asozera umwaka wa 2023 aho yagirije urwanda ko rubitse, rugaburira, rutanga inyigisho za gisirikare we yise « zo kwica » umurwi Red Tabara uvugwako uri mugihugu kibanyi ca Congo. Igihugu c’urwanda kikaba caciye gisaba uburundi gucisha munzira za diplomasi ibibazo vy’umubano wabe n’uburundi.

Tubamenyesheko uburundi bwarungitse abasoda barenga 1800 muri RDC muntumbero yo gufasha FARDC, FDLR(umurwi ugizwe n’abakoze ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mugihugu c’urwanda) na Mayi Mayi kurwanya umuhari M23 usanzwe urwanya intwaro ya Felix  Tshisekedi.

Mwomenya kandi ko igihugu c’urwanda kitatevye kugira ico kivuze kuriryo pfungwa ry’imipaka aho camenyeshejeko caguye mugahundwe cumvise mumaradiyo n’ibimenyeshamakuru ko uburundi bwafashe ingingo yabwonyene yo kwugara imipaka, ingingo ihonyanga amategeko umuryango w’ibihugu vya afrika y’ubuseruko ugirako nk’uko tubisoma mw’itangazo ryasohowe na reta y’urwanda.

Mwebwe mwavyakiriye gute ?