Burundi: « Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaraye ahonyanze ibwirizwa nshingiro » Umwihwezo

Evariste Ndayishimiye

Umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yaragirisheje ikiganiro kubamenyeshamakuru kumusi wa kabiri igenekerezo rya 10 rusama 2022 mungoro yiwe i Bujumbura kumugwa mukuru w’ubutunzi w’burundi. Amajambo yashikirije yavuzeko adandaza ibizinu, akorora imisiba, ko agiye kworora ibifyera,… vyatumye abatari bake bavuga amajambo atari make.


Ja kuri youtube wumve amwe mumajwi y’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye 

Ikinyamakuru Itara Burundi cararondeye umuhinga yanonosoye ivyirwa vya politike n’amategeko ajanye n’agateka ka zina muntu na mpuzamakungu Luc Eric Nduwimana kugira agire umwihwezo kur’ayo majambo:

Yagize ati:

Amajambo umukuru w’igihugu c’Uburundi Evariste Ndayishimiye aheruka gushikiriza mu kiganiro yagiraniye n’abamenyashamakuru mu gace avuga ko mu Burundi atanzara ihari aho anatangariza abanyagihugu  imigambi ihambaye ariko arakora ku nyungu ziwe, rirya jambo ryiwe umuntu ari suzumye tubonamwo ibi bikurikira:

  1.  Nk’umukuru wigihugu yaragaragaje ku mugaragaro ko intwaro yiwe itubahiriza ibwirizwashingiro ry’u Burundi kuko mungingo zaryo za 101 na 142 ritemera ko abafise amabanga y’igihugu akomakomeye baja mu budandaji (incompatibilité). Gutyo, yahaye inkigi abo bivurwa ko boba basanzwe babikora rimwe na rimwe no mu buryo bwa magendu!
  2. Umuntu ashobora gufata ijambo ryiwe nk’aho yoba yashatse gutangiriza mu gihe azoba atakiri kubutegetsi akagirizwa isesagurwa no kunyuruza ubutunzi bw’igihugu. Gutyo azoshobora kwerekana ko yari yaragaragaje imigambi y’iterambere ry’umuryango wiwe yateguye kuva kera .
  3. Yaraye atukishije urwego rw’umukuru w’igihugu: kumva ko rurutwa n’ukworora ibifyera , imisiba n’insazi.
  4. Yarakindaze abarundi bugarijwe n’ubukene, benshi batubitse uwavubi, mu kwinamura akavuga ko Abarundi badakenye, kuko yagereranije ibihe barimwo n’inzara y’igeze gutera (inzara bise Gahembe na Manori) aho Abarundi bikora kubigumbagumba vy’ibitoke. Mu gihe  bari bamwitezeko ijambo ribaha ivyizigiro vy’uko bagiye kuva mu bukene barimwo, yarabakindaze ngo ntanzara bafise ko bataratangura kurya ibikogoshi.
  5. Imvugo yiwe iteye kubiri n’imico y’ikirundi : Aho uwanka insazi ata akanuka! Insazi tuzi ivyo ziza zikurikira, birateye isoni mu mico y’ikirundi kwumva umukuru w’igihugu imigambi afise irashe ari iyo kworora insazi!
  6. Umuntu ashobora kwibaza ko igihugu kitagifise umukuru waco acitwararika kuko yibereye mu vyiwe kandi amategeko  amutegekaniriza ibimubeshaho bihagije n’umuryango wiwe ndetse no kwakira abashitsi, ingendo n’ibindi….
  7. Yafashe  Abarundi nk’abana , yitwaje ko abatavugarumwe na Leta n’amashirahamwe yigenga basa n’abatagifise ijambo n’aho bavugira mu Burundi: ashima guhenda   Abarundi no kubasinziriza mu bitagira umutwe n’amaguru (hypnose).

Ingaruka mbi z’iryo jambo

  1. Abarundi bashobora gutera icizere urwego rw’umukuru w’igihugu kuko bumvise uko abakindaga bari bamwitezeko urukiza.
  2. Bishobara gutera inkigi abahora bikorera urudandazwa amategeko atabibemere, ubuho bakabikora Kumugaragaro kuko uwuhagarariye iyubahirizwa ry’amategeko ariwe abari imbere mu kuyahonyanga.
  3. Uburundi buhobora gutakaza isura n’izina mu makungu kwumva umukuru w’igihugu c’Uburundi yemanga ko iyo ariyo migambi ikomeye mu gihugu akanagaragaza ko anayikora ku gatwe kiwe.
  4. Abazana imitahe yabo mu gihugu bashobora kwumva muri rirya jambo ko ataho bagiye gukorera: mu gihugu insazi, ibifyera b’imisiba ari ryo Soko ry’iterambere!
  5. Kwumva ko kuba umukuru w’igihugu c’Uburundi avuga ko urwego rwiwe ataco rumurutira kudandaza imisiba n’insazi, hari abandi bahipfuza basanzwe barikumwe mu mugambwe bashobora kuronka aho bamufatira kugira bamworohereze yigire muri iyo business.