Burundi : Amafaranga y’agaciro yarabuze canke yarabujijwe ?

Tramaze imisi tuza turababwira amakuru ajanye n’ivy’amafaranga mvamakungu(devises), abahora bayacuruza bamwe barishwe abatahunze barabiheba, abakiyadandaza bakaba bameze nk’abiyahura. Kuva  mumwaka wa 2020 reta yugaye amavunjirizo y’ayo mafaranga, ubukene bwayo bwabandandije bwiyongera gushika n’aho umukuru w’igihugu aherutse kuvyemeza.

Ikinyamakuru Itara Burundi caravuganye n’abahora bayadandaza, batubwiyeko amafaranga y’agaciro yatanguye kuduga cane imbere gato ya 2010 aho ibanki nkuru BRB itanguye kuyimana kumadandarizo yayo.

Reta y’uburundi yoba ibandanya ihomba amafaranga menshi kubera n’amashirahamwe mvamakungu bazigako amafaranga y’inyungu mu kuvunja yoba yaramaze kwiga uburyo bwo gukoresha amafaranga adacishijwe muri BRB,  abayazanye nabo bakazana dukeya, urwaruka narwo rwokwirondereye ubuzi bw’injiza amadevize rukaba rutoroherejwe.

Twobamneyeshako n’ubwo bir’uko uburundi busanzwe buri mumashirahamwe menshi y’ubudandaji n’iterambere aho gufata ingingo yo kubuza kuvunja amafaranga biheza bigahomvya igihugu na cane cane mugisata c’ingenzi aho ingenzi zija ahantu zishobora gukoresha amafaranga mumwidegemvyo.

Mwembwe murabona ubundi buhombere buva kur’iyo ngingo ari ubuhe ?

 

#ItaraBurundi

#RekurAmadovize