Burundi: Umupolisikazi yaturiye umwana w’imyaka ibiri.

Ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 03/4/2020, umupolisikazi akorera muri komisariya ya komine #Buganda mu ntara ya #Cibitoke yaraturiye umwana w’imyaka ibiri, umugabo wiwe yari yavyaye hanze.

Mukeshimana Médiatrice niryo zina ryiwe, yagorobeje aja gushwana n’umugore agira kabiri w’umugabo wiwe, uwo mugabo bikavugwako ari intwazangabo. Niho yagenda munzu agatora amarike akaza akayasuka ku mwana w’imyaka ibiri w’uwo mugore yavyaranye n’umugabo wiwe.
Abantu baje gutabara bakaba barahatswe kumwica iyo abajejwe intwaro n’umutekano bataza gutabara.
Uwo mwana yarajanywe kwa muganga, uwo mupolisikazi nawe yarajanywe mu butungane.