Burundi : Umurindi uteyubwoba woguhindura ibwirizwa nshingiro biciye mumatora urateye amakenga

Petero  Nkurunziza yaratanguje isekeza ryo guterera amatora yo muri 2020 mugutanga imiriyoni zitanu z’amafaranga y’uburundi mw’ishami rya banki ya republika y’uburundi riri i Ngozi iyo avuka kuri konti N°1110/267 igenekerezo rya 7 myandagaro 2017 mugabo haheze amezi ane gusa yaciye atanguza irindi sekeza ryo guhindura ibwirizwa nshingiro biciye mumatora y’abanyagihugu.

Amafaranga yayo matora azova hehe ?

Vyabaye imbonekarimwe mw’isi aho umwana w’imyaka icenda aterera amatora. Ivyo vyabereye i Ngozi aho ikibondo Mbabira Ange Gloria catwara amafaranga y’amarundi  ibihumbi ijana (F100000) kuri ya konte petero nkurunziza yuguruza ngo niyo guterera amatora ya 2020 , amaradiyo n’amatereviziyo vyari vyatumiwe mukwezi kw’icumi. Mugihe ari ikitazi, Ange yiga mu mashure matomato akaba atanemererwa n’amategeko yaba ay’uburundi canke mpuzamakungu kwuguruza ikonti muri banki canke kuja mu matora ngo yitoze canke ngo atore. Bamwe bakaba babifashe nko guteguza amatora afamaranga avuye mumanyanga navyo bikaba vyohanwa n’amategeko mugihe habaye hari ubutungane bwigenga.

Abakozi ba reta, abadandaza ndetse n’imihana yose bategerezwa guterera ku nguvu amatora avugwa ngo n’ayo muri 2020 mbere n’itegeko rivuga ayo bategerezwa gutanga bivanye n’akazi bakora rikaba riheruka gusohorwa n’umushikiranganji rikanavugako hari n’abazotegerezwa gutanga umushahara w’ukwezi kwose kumwaka ku mwaka. Iyo ngingo ikaba yafashwe hatarabwe amadeni canke ubukene abanyagihugu bafise.

Umukuru w’umugwi ujejwe gutunganya amatora, Pierre Claver Ndayicariye yamenyeshejeko kundwi iza bazoba bahejeje gushiraho abaserukiza uwo mugwi muntara zose z’igihugu ariko akaba ataramenyesha kumugaragaro aho ayo matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro azobera naho bivugwa ko azoba mu kwezi kwa kabiri 2018.

« Turibaza ubwoko bw’amatora atabwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro buhari canke bwo gukora politike mu burundi bikatuyobera. Ntankekako EGO izotsinda ikanazohitana n’amafaranga y’abanyagihugu menshi kuko ntanumwe yemerewe canke ariko aramamazako gutora OYA ariko ubutumwa buragaragra: Gutora EGO mw’ihindurwa ry’ibwirizwa nshingiro ryimirije ni ugutora Petero Nkurunziza muri 2020 kanatsinda n’ahazova amafaranga y’amatora ni hamwe, naho si ahandi naho badutegeka guterera amatora ngo ni ayo muri 2020.” Iciyumviro c’umunyagigu twavuganye.

Tubamenyesheko atanteguro y’amafaranga itegekanijwe muri ayo matora iri mw’itegeko rigenga amafaranga reta izokoresha mumwaka wa 2018 canke ngo ishikirizwe abariko bakwa intererano kunguvu.