Intumwa za reta ya Nkurunziza zigina intsinzi mw’isamburwa ry’ishengero rya Pentekote ry’i Nyanza-Lac

« Ngirango musitanteri bamutumiye mu manama umwungere azoza aramutiza imodoka » ivyo vyavuzwe na musitanteri wa komine Nyanza-Lac, Jean Claude Nduwimana, uwararongoye intumwa za reta mu gikorane catunganirijwe mw’ishengero rya pentekote ry’i Nyanza-Lac muntumbero yo gushimira intwaro ya CNDD-FDD kw’igenekerezo rya 07 nzero 2018 ko yivanze muvy’itunganywa ryaryo rigahindura inzego.

Amashengero ya pentekote mu Burundi yamye kuva ashingwa yitandukanya n’ayandi mu ngeso n’ukuntu abayoboke bayo bifata na cane cane iyo hageze kwiyamamaza mu migambwe canke mu ndyane za politike zagiye ziribonekeza naho atamwonga ubura isato gusa iba idahizwe.

Mu mwaka uheze wa 2017 niho umugambwe uri ku butegetsi watera intambwe ihambaye mukwinjiza iryo shengero muri politike nk’uko wabikoze muba isaramu barongowe na Kajandi Sadiki mu kwimika pasitori Jonathan Kidebuye ngo atware misiyoni y’ishengero rya pentekote i Nyanza-Lac mu bumanuko bw’u Burundi mu ntara ya Makamba kw’igenekerezo rya 11 kigarama 2017 aho wabicishije mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu.

Hari imbere y’abakirisu n’imbonerakure ku kibuga kiri hafi y’urusengero rw’ishengero rya pentekote aho ico gikorane twababwiye cabereye aho Jonathan Kidebuye yatangura gushimira reta y’u Burundi yaterereye cane mukwirukana ico bise satani be n’umutumire w’iteka w’uwo musi ,Jean Claude Nduwimana nawe yahavuye aronka ijambo agaca anerekana intumwa za reta zari zamuherekeje nazo zikaba zari zigizwe n’aba bakurikira:

-Umukuru w’ikambi rya Nyanza-Lac,

-Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mw’ikomone n’abagize ibiro vyiwe

-Uwutwara iperereza muriyo komine ngo ajejwe kugenda arumviriza abavuga ayamuhe,

-Aserukira umugambwe ku mitumba yose hamwe n’akuru b’imitumba yose igize komine Nyanza-Lac

Musitanteri agifise ijambo akaba yagiriyeko yamamaza kuzotora EGO mu matora yo guhindura ibwirizwa nshingiro yongera agenda ateranije ishengero rya pentekote na misiyoni y’ikiremba nk’uko muvyuma mu majwi y’abo bagabo ari ngaha musi.

Tubamenyesheko pasitori Jonathan Kidebuye atemewe n’inzego zirongoye amashengero ya pentekote mu Burundi ( EPBU) nkako bari bamutaramuye kw’igenekerezo rya rya 5 kigarama 2017 aho Pascal Barandagiye, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n’inyigisho zo gukundisha igihugu yaca afuta iyo ngingo.

Tworangiza tubamenyesha ko umugambi wo gusambura iryo shengero rigira kabiri mu Burundi muyafise abayoboke benshi inyuma y’ishengero rya Katorika ubandanya.