Burundi : Umwavu w’ikizungu, akananira bahinga

Mugihe ihinguriro rishasha ry’umwavu w’ikizungu FOMI ridasiba kwerekana ivyo rikora, muri komine Gisagara mu ntara ya Cankuzo abarimyi baridogako batera mwivu kuri uno mutasuro.

Mu kwezi kwa gatandatu 2019 niho abarimyi bo muri zone Camazi n’agandi basabwa gutanga amafaranga imbere kugira hageze gutera bazoronswe umwavu w’ikizungu. Munyuma haratanzwe rimwe gusa umwavu w’ikizungu uvuye mw’ihinguriro FOMI ariko ukaba utakwiye abawukeneye.

Umutandaza yitwa Kanani yatsindiye isoko bikavugwako yumvikana n’abandi badandaza kuburyo abakeneye uwo mwavu ubu uva mugihugu kibanyi ca Tanzaniya barenzako amafaranga kubiciro bisanzwe. Abo akabaha umufuko kumafaranga 29000 nabo bakawugurisha 38000.

Abarimyi bakaba bidogako bariko bateragira imbuto mw’ivu kandi bari baratanze amafaranga n’uwuje ukaza kubiciro badashobora kuronka muri kino gihe.