Burundi : « Urubanza rw’abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye ruriko rurangwamwo amahinyu menshi »

Nkuko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, muntara ya Gitega, umurwa mukuru wa politike, uno munsi ugika kabiri hariko haburanishirizwa abagirizwa kugandagura umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.

Ku munsi wejo abapfungwa bahashitse satatu urubanza rutangura isaha zitandatu, haraheze amasaha arenga abiri ababuranira abapfunzwe baharira kukugene urwo rubanza rutunganijwe.
Kuva samunani gushika cumi n’imwe z’umugoroba niho urubanza rwariko kuburanishwa mw’ido n’ido.
Hakaba humvirijwe Général Céléstin Ndayisaba wenyene aho uwuburanira reta yemezako afise ivyemezo ariko amasura atayoza mu rubanza kumvo z’umutekano wayo. Akaba yaciye atanga urwandiko avugako ari icagiriji. Uwuburanira Ndayisaba akaba yarerekanye amahinyu mur’uwo rwandiko;

Handitseko Colonel kandi nawe yari Major, hatangura izina ry’iritazirano kandi mugisoda ca kera bahora batanguza amazina y’ikirundi. Akavugako n’umukono uteye kur’urwo rwandiko atari rwiwe.

Twobamenyeshako abakurikirana urwo rubanza babonamwo amahinyu atari make kandi bikagirwa n’umugambwe FRODEBU umuhisi Melchior Ndadaye yavamwo batangaye mubandi bumvise urubanza ruriko ruraba batabimenyeshejwe.