Burundi: Amakenga kuri rusansuma y’igihutihuti iriko irategurwa ku rwaruka rutagira akazi.

Kur’uyu wa 7 Nyakanga 2020, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere rirama bwarasohoye itangazo rivuga kubikorwa ryo gusansuma urwaruka rwose rwize rwipfuza akazi ruzoba kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 nyakanga 2020 gushika kuwa mbere sasita igenekerezo rya 14 nyakanga 2020 ku mitumba/amakaritiye yose y’igihugu.

Pierre Nkurikiye, umuvuguzi w’ubwo bushikiranganji yasomye iryo tangazo mumajwi bukeye igenekerezo rya 8 nyakanga 2020, amenyeshako ico gikorwa cihutirwa cane kandi ubu kitazosubirwamwo, ikirangamisi kikaba ari iki gikurikira:

  • Kur’uyu wakane igenekerezo rya 10 nyakanga 2020: hatunganijwe inyigisho kubajejwe intwaro hamwe n’abarongoye amakoperative, barikumwe n’abafundi b’amakomine, bikaba vyabereye mu ntara zine hakurikijwe uburere bugize igihugu; Gitega, Makamba, Cankuzo, Ngozi no mu gisagara ca Bujumbura.
  • Kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 11 nyakanga 2020: Hatunganijwe inyigisho kubantu babiri babiri kumutumba canke karitiye bazokwandika urwo rwaruka rwize rwipfuza akazi.
  • Kuva kuwa gatandatu igenekerezo rya 12 nyakanga 2020: Hazotangura urwo rusansuma igihe c’isaga zibiri zo mu gitondo.
  • Kuwambere igenekerezo rya 14 nyakanga 2020: Isaha zitandatu z’umutaga ivyo bikorwa bizoba bisozerewe igihugu cose.

Urwo rusansuma rukazoba hifashishijwe ubuginga bwa none hakoreshejwe ama terefone agezweho(Smartphones) kandi n’abari bariyandikishijeje mw’iyandikwa ryabaye mukwindwi uyu mwaka nyene bakazosubiramwo kwiyandikisha.

Tubamenyeshe ko iki gikorwa bivugwako cari gisanzwe kigenewe gukorwa n’ibigo reta bitatu canke kimwe mur’ivyo, arivyo ISTEEBU, ariyo ijejwe kugira rusansuma n’ibiharuro(statistiques), ikigo gishinzwe gukurikiraba abatagira akazi co mubushikiranganji bw’abakozi ba reta n’akazi(Office Burundaise de l’emploi et de la Main d’œuvre, OBEM) hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe gutnga akazi. Ivyo bigo bibiri vyanyuma bikaba vyegukira ubushikiranganji bw’abakozi ba reta, akazi n’abakozi.

Ikete ryashizwe kumbuga ngurukana bumenyi

Amakenga kur’ico gikorwa kiriko gikorwa gihuti huti akaba afatiye kur’ibi bikurikira nk’uko bishikirizwa na bamwe:

  • Rusansuma irondera urwaruka mugihe hari n’abakuze batakaje ubuzi canke batabufise, bakene ubuzi bwo gutunga imiryango,
  • Rusansuma izokorwa umwanya w’akaruhuko(Week-end) kubakozi ba reta,
  • Umuntu aravye akamaro ico gikirwa gifise umwanya n’i muto,
  • Amaterefone agezweho(Smartphones) asabwa yoba adakwiye hose kubajejwe kubikora,
  • Umuyangankuba uracika cane bigashobora gutuma n’abafise ayo matetefone bataronka umuriro ukwiye,
  • Abariko bakora ico gikirwa bivugwako ari imbonerakure (abajejwe gukurikirana ama koperative, bivurwako atabari muyindi migambwe barimwo eka n’abajejwe intwaro bagirishwa izo nyigisho bivurwako nka bose ari abari muri CNDDFDD) mugihe muri rusansuma ruheruka hari abari bashizemwo ahandikwa ubwoko kandi bitari vyasabwe, hakaba n’aboba barasimbwe ibigirankana canke kubera umwanya muto,
  • Umuntu afatiye kukuntu reta itavuga akazi igiye guha abo bize badafide akazi, igakuramwo abatize mugihe hari n’abatize ntibagire n’akazi kandi hari ubuzi boshobora,
  • Umuntu afatiye kw’itangwa ry’akazi riheruka kuba mugisata c’indero aho mubigisha barenga 9000 ico gisata yari gikeneye, ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bukaba bwatanze uruhusha rwo gutanga akazi kubigisha batarenga 1000,
  • Reta ntivuga ubuzi bugiye gutangwa kugira abisumamwo canke abafise ubuzi butobuto barindiriyeko ubwo bigiye bamenye ico bandika.

Kur’ayo makenga n’ibindi bibazo, ntitwashoboye kuronka Pierre Nkurikiye, avugira ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. umutekano n’iterambere rirama kugirango atange umuco.