Burundi : Urugendo rutoroheye Pascal Barandagiye mw’ikambi y’i mpuzi z’abarundi i Kakuma muri Kenya.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mugihugu c’uburundi, Pascal Barandagiye yagendeye impunzi z’abarundi zahungiye mugihugu ca Kenya kuri uno wambere igenekerezo rya 20/01/2020 aho yari yagiye guhimiriza impunzi zahungiyeyo gutaha ariko akaba atashoboye kubibumvisha.

Mugihe impunzi z’abarundi bahungiye muri kenya zari zasidukanye n’iyonka mu kuja kwakira «abashitsi bavuye mu Burundi », mukibanza kiri i Kakuma 4, ntibashoboye kugira amahigwe ko kubibonera kuko umushikiranganji Pascal Barandagiye yararongoye abo bashitsi nabo akaba ari abatumwe na reta y’i Gitega yaciye basabako hotorwa abaserukira abandi 15 boheza bagashikiriza ubutumwa yarabazaniye gurtyo ngo umutekano wiwe ntuhave uhungabana.

Pascal Barandagiye akaba yatanguye agasuzugura ibihugu bifasha impunzi ngo : « Amerika, Canada, Australiya n’ahandi muhurumbira ngo bazobafasha banabajaneyo nahone barapfa kuko ni kw’isi.» avugako boshaka bosubira mu Burundi kubera hari amahoro, ko abazokwemera gutahuka bazoronswa amazu, amatongo, amafaranga azobatunga amezi atatu barya ataco bakora.

Inyuma yo kwumviriza abashika batandatu murabo 15, Pascal Barandagiye akaba yahatswe kuva hasi ngo ahagarike uwo mubonano kubera ngo atanumwe yumvise ashigikira ubwo butumwa yatumwe na reta yaserukiye. « Mwacaguye abari mu ruhande rumwe ! » akaba arivyo yabwiye abaserukira HRC na reta ya Kenya, aho bamusiguriye ko abo 15 batowe n’impunzi ubwazo kandi haje iz’avuye mumakambi ata ndukanye atakuntu bari kumenya umwe wese ivyo yiyumvira. Yahavuye aremera kwumviriza abandi babiri gusa aca arashavura yumviseko bahurijeko badashigikiye gutahuka mugihe mu Burundi hakirangwa ukutubahiriza amategeko : « Tuzokwemera kwicwa n’inzara n’izuba hako twicwa n’inkota. ».  « Nimwashika mur’iyo Amerika yanyu naho muzoshikayo muri bake murazokwibuke mufashe uburundi kuko muraziko bukenye » Pascal Barandagiye asozera uwo mubonano.

Inyuma yo gushikiriza ivyo bavanye mumubonano wa Pascal Barandagiye, abafasha impunzi bakaba baciye babwira impunzi bati : « Abazoba bashaka gutahuka guhera ejo tuzobafasha batangure gutaha, indege zikwiye zihari kandi ntamezi atatu azohera  mwese tutabatahukanye. Ariko abazoba bipfuza gufashwa, guhera ejo bazoca dutangura kubafasha ».

Impunzi zikaba zasigaye zirahungura ugutwi nk’uko amakuru dukura ngaho muru Kenya abivuga, bakaba batatahuye ukuntu bokwemererwa kugaburirwa amezi atatu ataco bakora, bakemererwa amatongo yabo nk’uko womengo reta yaramaze gushira muminwe amatongo yabo yose hanyuma umushikiranganji Pascal Barandagiye akavaho abasavye imfashanyo yo gufasha uburundi bugeze ahatemba.