Burundi : Imyiyamamazo ya Rwasa Aghaton mu Cankuzo itegekanijwe kuwa gatandatu bihuriyehe n’inyuruzwa rya Arcade Butoyi?

Mugihe kuwa gatandatu igenekerezo rya 02 Rusama 2020 hitezwe Aghaton Rwasa, umukuru w’umugambwe CNL mu ntara ya Cankuzo mu myiyamamazo izobera Kigamba na Mishiha, abanyamugambwe biwe baguma baterwa ubwoba.

Nk’uko amakuru dukura aho mu Cankuzo abivuga, inyuruzwa rya Arcade Butoyi batazira Manyema ryabaye kuwa kabiri igenekerezo rya 28/4/2020 avuye mu kiraka co kuduza amajwi(sonorisation) y’imyiyamamazo ya CNL muri komine Kigamba ryoba rifitaniye isano n’imyihamamazo ya Rwasa Aghaton umukuru wa CNL itegekanijwe mur’iyo ntara kumusi wa gatandatu.

Kumugoroba wo kuwa kabiri igenekerezo rya 28/4/2020 Arcade Butoyi, umwigisha akaba anarongoye syndicat STEB mur’iyo ntara, asanzwe afise umwuga wo gufata amashusho, umwuga wamutunze imyaka itari mike yamaze yarakuwe mukazi kubera guharanira inyungu z’abigisha, avuye i Kigamba yoba yasanze imodoka zibiri iya Ndugi Reverien, umukenguzamateka Salvator Bigirimana(arikumutwe w’urutonde rw’abazokwitoza mubashingamateka) n’umunyamabanga w’umugambwe CNDDFDD mu ntara ya Cankuzo zamutegereye aho akorera.

Haciye umwanya uwo Arcade n’abandi babiri barikumwe bakaba baciye banyuruzwa n’imodoka zibiri hoba harimwo abantu bitwaje ibigwanisho ku kabare bita kukayaga kuwitwa Sylvain aho bikavugwako harimwo umusirikare n’umupilisi bakorera iperereza, Anglebert Ngendabanka umushingamateka hamwe n’imbonerakure bita Gilbert ikorera ishirahamwe REGIDESO. Aho boba baciye babajana ahantu hataramenyekana ariko amakuru adushikira akavugwako bari mw’iperereza.

Bukeye, tubajije kuri WhatsApp umushingamateka Anglebert Ngendabanka ko hari icazi kur’iryo nyuruzwa ryabo bantu akaba yatwishuyeko atavyo azi kubera uwo munsi yiriwe arushe atavyo aramenya. Tumubajije ko hari imodoka yokwinjira igasohoka muntara ya Cankuzo igatwara abantu ntimenyekane yatwishuye ati:

« Nukurondera ukuri kabisa kuko Intara yacu ubu yari itekanye. Kuva Cankuzo gushika Ruyigi na Gitega hari amabariyeri sinumva ko hari imodoka yorengana mw’ijoro ntimenyekane. Uzi n’iceyi baguma banshirako nibereye amahoro! Murazobaze aho nciye canke ndi abanyagihugu bamana umunezero. »

Ivyo Anglebert YaTwishuye kUwa 29/4/2020

Tubandanije amatohoza n’uko inzego zijejwe umutekano zidashaka kumenyesha ikintu na kimwe kur’iryo nyuruzwa rya Arcade Butoyi alias Manyema nabo barikumwe.

Ku mugoroba w’igenekerezo rya 30/4/2020 twasubiriye kurondera mushingamateka Anglebert Ngendabanka tumubazako atoba aramenya amakuru ya Arcade nabo barikumwe atwishura ati:

« Bariko banyambika ibara. Hama ngo ndondere. Jewe mfise abo twarikumwe bashika ijana bazonkurako iceyi. Kuva migitondo gushika saha tanu z’ijoro.
Rero sinobeshengwa hama ngo ntohoze. »

Inyishu yaduhaye

Amakuru ava mumugambwe CNL aho mu Cankuzo amenyeshako abafise amamodoka bakotesha batinye gutanga imodoka zizotwara abanywanyi ba CNL mumakomine Rwasa azoja kwiyamamarizamwo yo mur’iyo ntara.

Bakavugako baterwa ubwoba n’uwo mushingamateka Anglebert ivyo nawe ahakana akavugako ari aba CNL « bataye umutwe » ko ata bene imodoka baravugana.

Ariko ayo makuru akavuga ati:

« Barahumba urubanza rwo kuwa gatandatu ruzogenda neza »

UmWe mubanywaNyi na CNL w’i Mishiha twavuganye.

Twobamenyeshako abanywanyi ba CNL batari bake bamaze kugirwako iterabwoba, bamwe bakanyuruzwa bakaburwa irengero nka Mugara yanyururijwe mu Cendajuru be n’uwaramutwaye kumoto, abandi baturirirwa amazu aho mu Cendajuru bazirako banse kwinjira muri CNDDFDD ariko abasigaye bakanka kwinjira kunguvu. Bikavugwako n’abanywanyi ba CNDDFDD batari bake bamaze kurambirwa n’ayo mabi aguma avugwa mu ntara yabo.