Burundi : Umushikiranganji w’ubutungane yaratanze inyubakwa za Maison Shalom

Inyubakwa imaze kumenyekana ico izokoreshwa munyubakwa z’ikigo Maison Shalom ni iyahora ikoreramwo BCB yo mu Ruyigi igiye gukoreramwo umushikirizamanza wa republika muntara ya Ruyigi.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, kumusi wejo igenekerezo rya 15 nzero 2020, inyubakwa y’ikigo Maison Shalom yahora ipanzwe n’ibanki BCB yo ngaho mu Ruyigi yiriwe irasukurwa, bikavugwako igiye kuba iburo vy’umushikirizamanza wa republika ngaho mu Ruyigi.

Bikavugwako atarubanza ikigo Maison Shalom coba gifitaniye na Reta kiretse ko hari umutahe mpuzamakungu warungikiwe umupfasoni Marguerite Barankitse yashinze ico kigo, urubanza rukazoburanishwa mu kwezi kwa kabiri 2020 atariho ari kuko hasohotse urwandiko rw’umushikirizamanza mukuru wa republika y’uburundi ruvugako abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi 2015 nawe yarerwamwo batazwi iyo bari(assignation au domicile inconnu).

Tubamenyeshe ko atamisi yari ihaciye inzego z’ubutungane, umutekano n’intwaro zuguruye kunguvu inyubakwa za Maison Shalom zose zo ngaho mu Ruyigi, Marguerite Barankitse yashinze ikigo Maison Shalom akaba yamenyesheje ko abantu bariko basohora impfuvyi bazobibazwa niyo hagera.