Burundi : Uwuzosubirira Evariste Ndayishimiye aza yaratanguye kwiyamamaza

Haraheze igihe umukuru w’umugambwe CNDDFDD  Réverien Ndikuriyo azunguruka amakomine yose y’uburundi ashika n’aho umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye atarashika kuva arongora igihugu 18 Ruheshi 2020. Hari amakuru Ikinyamakuru Itara Burundi gifise ko mu mugambwe CNDDFDD havyuze inguvu z’umuhisi Petero Nkurunziza kandi kwiyamamaza vyatanguye.

Turetseko amategeko y’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD avugako uwutwara umugambwe aba ariwe aca aramukirwa gutwara igihugu, hamaze imisi agashavu mubanyamugambwe aho bashaka ko reta ikora nk’uko Petero Nkurunziza yari yabipanze aho bivugwako hari abantu bashika 300 bomufashije kubandanya atwara mu mbavu. Arinavyo bafatirako bidogako Petero Nkurunziza yoba yarishwe bakikega inzego zitwara ubu bakavugako bidashobora kwijana (Mumakuru yo hanyuma tuzobabwira umugwi umwe mur’abo n’ivyo bariko barategura).

Abatari bake mwarabonye canke mwarumvise imyiteguro y’intambara iriko iraba mu gihugu , ubuheruka abakenyererarugamba(abakenyezi b’umugambwe CNDDFDD uri kubutegetsi) batambutse gisodo bambaye udupira turiko ifoto ya Petero Nkurunziza, ivy’ukuronsa inyigisho za gisirikare urwaruka vyovyo vyavuzwe kenshi.

Réverien Ndikuriyo akaba ariwe bivugwako ari kwisonga vy’uwo mugambi w’uwo mugwi tuzobabwira nawe akaba amaze imisi azunguruka igihugu cose avugako ariko yiigisha akarangamutima k’umugambwe be n’ivyo kwiyungunganya ari amakuru akavugako yariko ariyamamaza bakavugako ariwe bemera kubera ibikorwa akora, ico avuze gica gishirwa mungiro ubwo nyene kandi  akaba ari mubapfungiwe Tanzaniya bazira umugambwe bakiri mw’ishamba.

Ibimenyetso bitari bike bikaba bimaze no kuja ahabona nka Stade yubatswe Makamba iyo Révérien Ndikuriyo avuka, gushira umugwa mukuru w’intara yo mu bumanuko i Makamba, amajambo wenyene amaze igihe agenda aravuga akenshi anyuranye n’ay’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye, amatongo agura hirya no hino, n’ibindi n’ibindi.

Mwebwe  mubivuzeko iki?