Ikibazo c’umuyagankuba coba kigiye gutorerwa umuti mu Burundi?

Kuri uno wa kane igenekerezo rya 18 Myandagaro 2022 wari umunsi ugira kabiri wo kwerekana ibikorerwa mu Burundi (Salon de l’Emploi) biriko bibera mu ntara ya Gitaga, umurwa mukuru wa politike w’uburundi aho hari uwerekanye ubuhinga bwo gukora umuyagankuba. Inzego z’igihugu zari zahishikiye.

Icegera c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza arikumwe n’abandi bategetsi i Gitega. Crédit photo: PAEEJ

Twihweje neza ivyakoreshejwe muri ubwo buhinga bushasha harimwo ipedari y’ikinga, intsinga, umurumyo w’indobo…. ni vyiza ko urwaruka rwiyumviriye ubuhinga bugenzweho bwo gutorera umuti ikibazo c’umuyagankuba.

Hasigaye kumenyako uwo muyagankuba ufise ubushobozi bwo kwakiriza nk’igisagara kimwe mubibangamiwe n’ikena ry’umuyagankuba hamwe n’uko ubwo buginga bwerekanywe bumaze gupimwa n’abahinga babijejwe kugira barabeko bukwije ivyangombwa.

Mubona ikibazo c’umuyagankuba kigiye gutorerwa umuti muravye ubwo buhinga? Aho iwanyu burahashika?