Mw’ikete ryanditswe kw’igenekerezo rya 5/9/2019 n’igisata c’ibanki y’isi yose kijejwe uburundi rimenyesha reta y’uburundi ko imigambi itandatu yari igenewe uburundi yose ko ihagaritswe.
Mur’iryo kete ibanki y’isi yose imenyeshako umugambi umwe wonyene ariwo izofasha nawo akaba ari uwo kworohereza urudandazwa mu karere k’ibiyaga binini.
Imigambi yahagaritswe ikaba ari iyi ikurikira:
- Umugambi “ECAAT” wofashije guteza imbere igisata c’uburimyi muri afrika yo hagati n’iy’ubuseruko;
- Umugambi “LVEMP III” wofashije mu gutunganya ibidukikije kukiyaga Victoria;
- Umugambi wo gutwara ibintu n’abantu hakoreshejwe ikayaga ca Tanganyika;
- Umugambi w’akarere wofashije mu gukingira ibidukikije ku kiyaga ca Tanganyika
- Umugambi wofashije kwihutisha iyinjira ry’uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko
- Umugambi wofashije kwubaka urugomero rw’umuyagankuba kuri “RUZIZI III”
Iryo kete rimenyesha kandi ko mumisi ya vuba hazoza intumwa z’ibanki y”isi yose gutungaya ikoreshwa ry’amafaranga yari yatanzwe munteguro y’iyo migambi.