#BURUNDI : « MBEGA NK’ABAKRISTU BAJURAGIRIKA KUBERA GUHAHAMIRA AMARONKO CANKE UGUTINYA URUHAMO, NTIBAZOTEBA BAGASHIKANWA KU RUGERO RW’AHO BASANGA BARIKO BARASENGA IBIGIRWAMANA…. ? »

Mw’ijambo ryashikirijwe n’inama nkuru y’abepisikopi  gatolika b’i Burundi ku musi mukuru wa Noweli ryasohotse kw’igenekerezo rya 07 kigarama 2018 i Gitega, abepisikopi baragize ico bashikirije kubijanye na politike hamwe no mu kwemera kw’abantu.

Mur’iryo jambo riri kumpapuro zine barashikirije ibibazo n’amakenga bafise y’uko umugwi ujejwe ukuri no kurekuriranira utoba uriko ukorera mu mw’izero w’abarundi bose kandi ko uwo mwizero aburundi bari bawufise ko kuvugana ukuri no kurekuriranira bigiye gushikwako ariko ukaba warasubiye inyuma.

Ku vyerekeye ukwemera kw’abantu, bavuga ko ibwirizwa nshingiro rya Republika y’uburundi aho mungingo yambere yaryo rivugako igihugu kidashingiye kw’idini na rimwe basigaye babonako abantu basigaye bajuragizwa mu vyo gusenga.

Bamenyeshako uguhatirwa gusengera mw’idini umuntu atarimwo canke gusenga uko atabishaka ari uguhonyanga agateka ka zina muntu ndetse n’iryo bwirizwa nshingiro nyene.

Kur’ivyo, mu gice ca gatanu c’iryo jambo, baribajije  iki kibazo :

« Mbega nk’abakristu bajuragirika kubera guhahamira amaronko canke ugutinya uruhamo, ntibazoteba bagashikanwa ku rugero rw’aho basanga bariko barasenga ibigirwamana nk’uko vyigeze kubaho muri kahise k’Ekleziya ? »

Barahanuye abakirisu kuguma bazirikana ijambo ry’Imana bagakomeza ukwemera kwabo bakareka kujuragizwa mu gusenga batinyako botakaza ibibanza vya politike canke bogirirwa nabi bababwira aya majambo :

« Nimwirinde ugusenga n’ukwirukira ibigirwamana uko biba kwose. Ntimwemere guta ukwemera kwanyu ku gutinya igitsure canke ku kwirukira ivyicaro vya  politike n’amaronko, kuko ukwemera kwacu kurusha agaciro inzahabu(raba 1Petero1,7 »

Barangije iryo jambo bipfuriza umwaka mwiza wa 2019 abarundi bose basaba Imana kugira abarongoye uburundi bumve  akamo batewe baheze bugururire ibiganiro binywanisha abarundi n’ivyo vyose vyobazanira umunezero banibutsa ko igenekerezo rya mbere nzero ari umunsi mpuzamakungu wo kurondera amahoro.

Tubamenyesheko iryo jambo ritakiriwe neza n’abayoboke ba Petero NKurunziza aho ku mbuga ngurukana bumenyi bagaragaje agashavu bakanatuka abo bepisikopi gatorika ngo baradebagura ;

Twashimye kubereka bimwe muvyanditswe n’uwiyita Reussi Manda kuri facebook aho agabisha abanditse iryo jambo:

«                                                                                                                                                                                                                                                            »

Mu mugwi umwe wa whatsapp urongowe n’umwe mu mbonerakure yitwa Médar Muhiza, yegereye cane Petero Nkurunziza ubutumwa nkubwo bwarahaciye bugabisha abepisikopi ko bazohava basanga  bariko barasambura Ekleziya niyo babandanya bavuga ivya politike.

Ivyo vyose biriko biba mugihe abakirisu bo mumadini atandukanye bari mu mugambwe CNDDFDD bategetswe kwisonzesha bose ku misi ya kane yose ndetse no kuza baraja mu bikorane bitandukanye bitunganywa n’uwo mugambwe uri ku butegetsi.

Uwo mugambwe ukaba waranihaye ikibanza kirenga hegitari zine(kirimwo n’inyubakwa za reta) ku mugwa mukuru w’intara ya Gitega kizokwubakwamwo inzu y’amanama n’imisi mikuru ndetse no gusengeramwo.