Inama nshingamateka y’ubumwe bwa bulaya yemeje ingingo zikomeye ku Burundi

Kur’uno wa kane igenekerezo rya 16 nzero 2020, inama nshingamateka y’ubumwe bwa bulaya yemeje ingingo zikomeye ku Burundi aho isaba reta y’uburundi kureka abamenyeshamakuru, abaharanira agateka ka zina muntu Hamas n’abanyepolitike batavuga rumwe n’umugambwe CNDDFDD bakishira bakizana nk’uko amasererano atandukanye reta yashizeko umukono abisaba.

Muri izo ngingo zafashwe, abo bashingamateka babanje guca hirya no hino uko uburundi bwifashe mubijanye n’agateka ka zina muntu, ubutunzi, politike n’imibano na canke cane ibijanye no gushikiriza ivyiyumviro n’amakuru(Liberté d’expression). Bakavugako bimaze kugaragarako uburundi buri kwisonga mubihugu bikenye kw’isi kurusha ibindi, ko buri muvyanyuma mubijanye n’ubwigenge bwo kumenyesha amakuru hamwe nuko ibice 50% vy’abarundi bakeneye imfashanyo yihuta kubera bari mubukene ntangere.

Abo bashingamateka babonako atamatora meza, atekanye, yizewe na bose azoshoboka mugihe abarundi benshi bari mu bwoba, atabwigenge bwo gushikiriza amakuru burangwa mu Burundi ndetse bakabonako reta ibandanya ikandamiza abatavuga rumwe n’umugambwe uri kubutegetsi.

Abo bashingamateka barasaba reta y’uburundi kwemera hagashigwa mungiro ingingo yafashwe n’inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano (Résolution 2303), kurekura vuba bwango, atakirinze gusabwa abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru iwacu bafashwe kuva kw’igenekerezo rya 22 gitugutu 2019 bafashwe bagiye gutohoza amakuru mu ntara ya Bubanza hamwe n’abandi bapfungiwe ivyiyumviro vyabo, kwemera kwugurura urubuga rwa politike, kworohereza abanyepolitike bashaka gutahuka bagataha mumahoro atagutsure canke iterabwoba, ikareka amaradiyo yakera ndetse n’ayagezweho agakorera mu mwidegemvyo.

Abo bashingamateka barasaba reta y’uburundi kwemera ko amashirahamwe ashaka gufasha abanyagihugu ngo abikora akurikije uko abarundi bakenye kurusha abandi kandi mu mwidegemvyo.

Abashingamateka b’ubumwe bwa bulaya basaba ibuhugu bigize ubumwe bwa buraya gufasha impunzi z’abarundi no kuziha ubugungiro bitabagoye kandi ko vyofasha ibimenyeshamakuru n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu n’ay’abakenyetsi ari mu Burundi n’ayahunze adahengeshanya gusemerera no gushikiriza uko agateka ka zina muntu kifashe mu Burundi.

Abo bashingamateka basaba ko akarere ka afrika y’ubuseruko, ishirahamwe ry’ubumwe bwa afrika n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU kwibuka ko arivyo vyahagarariye amasezerano y’amahoro no gusubizahamwe yashiriweko umukono i Arusha mumwaka wa 2000 bigafasha bimwe biboneka kugira amahoro agaruke muburundi.