Burundi: Indwara yo kubura itiro iragisibije.

Mur’ino minsi abantu benshi bagenda barisinzirirako abandi muganiriye barakubwirako basigaye babura itiro cane. Ivyo bigaterwa n’impamvu nyinshi ariko hari zimwe ziva uko igihugu gitunganijwe n’imigenzo y’abantu.

Umuntu akuze asinzira hagati y’amasaha 6 na 8,5 kumasaha 24 agize umusi mugihe abana bobo bashobora kureza amasaha 12. umenya ko ufise ingorane z’itiro iyo ukangagurika mw’ijoro, iyo usinzira rigahera butaraca, ugateba kuronka itiro ivyo bikaba akarenga gatatu mundwi.
Abantu benshi barabura itiro kubera akazi bakora usanga gasaba kwama bahindagura bagakora ijoro n’umurango atarutonde rwiza ruhari, abakorera kumuco mwinshi waza mudasobwa canke terefone ngendanwa umwanya muremure, abagandaye babuze ababo, abagwaye, abafise imyitwarariko ibarengera eka n’abari mumunezero bashobora kurara ijoro badasinziriye rikibika muribo.

Iyo umuntu amaze imisi adasinzira ni vyizako yorondera umwanya kumurango uri hagati y’iminota 30 na 45 akaruhuka(sieste), bishobora kumufasha kwishura ideni ry’itiro. Hari inyifato umuntu akwiye kugira zotuma aronka itiro ryiza: Gufata akanya kangana n’isaha ugasenga canke ukiyumvira(médiation:Kubadasenga) imbere yo kuryama, Kwandika imigambi canke ivyokubuza gusinzira uvyiyumvira imbere yo kuryama, kugira imyimenyerezo yo kwinonora imitsi kumurango, kutaja kuryama uhejeje gufungura ubwo nyene, kutanywa inzoga, itabi n’ibindi ubwo nyene ugira uje kuryama, mugihe ubuze itiro uryamye ca uvyuka urabe ico ukora, kuja mugitanga(icumba co kuryama) aruko igira usinzire, kuvyuka kare umuntu akirinda kuryamira adasinziriye, kwirinda urwamo, umuco mwinshi ugira uje kuryama,…..

Kubura itiro bifise ingaruka mbi zitari nke; abanyonga imodoka bashobora guteza impanuka iyo baraye itiro, umuntu yaraye itiro yirirwana integenke bigatuma akora akazi nabi kubera guhunyiza no kubura inguvu, kubura itiro bishobora kugutuma umuntu agwara indwara yo kwibagira cane(maladie d’azehimer), kubura itiro bishobora gutera umubiri uhingura nabi ibifungurwa hakazoteba haziramwo n’indwara y’igisukari, kubura itiro bishobora gutuma umuntu ahungabana mumutwe(anxiété, dépression,…)

Mubihugu biteye imbere kirazira kurenza amaha 8 y’akazi, bifasha ko abantu bakora umwanya muto bafise ingoga, bagakuranwa kukazi, umwimbu ukaba mwinshi kandi n’abakozi bakaronka akazi ari benshi. Akarorero abatonze 7:00 bataha samunani (14:00) abatonze 14:00 bataha sayine z’ijoro(22:00) abatonze sayine zijoro bagataha samoya(7:00) gurtyo gurtyo, bugaga bukira ukwezi, umwaka n’imyaka igahera ugasanga iterambere ryaraje mugihugu atabantu bagenda barizinzirirako kubera akazi kenshi abandi kubera inzara no kurara bariyumvira iyo bakura ico bacisha kumunwa.

Aho bakora amasaha 24/24

Nk’uko bishikirizwa n’umuganga Charles Morin wo kuri Institut Universitaire en santé mentale de Québec muri Canada dukesha amwe mur’ayo makuri hari ingwara zishika 80 zitera kubura itiro. Avugako iyo umuntu abuze itiro atobifata nk’ingorane ikomeye cane ahubwo ko yogerageza kumenya ico bivako hanyuma agafata ingingo zibereye.