Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe «  Avocats Sans Frontières » ryahagaritse gukorera mu #Burundi.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryashize ahabona kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 16 kigarama 2018 rimenyeshako ritakibandanije rikorera mu gihugu c’uburundi kubera risabwa amananiza co kimwe n’ayandi mashirahamwe mpuzamakungu yose akorera mu burundi kugira asubira kwugurura inyuma yo guhagarikwa kuva kw’igenekerezo rya 1 kigarama 2018 n’inama nkuru y’umutekano.

Rimenyeshako ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati  bubasaba ibintu bine arivyo ;

  1. Amasezerano yo gukorana n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu
  2. Urupapuro rwemeza ivyo bazokorana n’ubushikiranganji bw’ubutungane
  3. Urupapuro rwemezako bazokurikiza itegeko ryerekeye uko amabanki akorana n’amashirahamwe mpuzamakungu
  4. Urupapuro rwerekana uko bazotanga akazi bafatiye kubitigiri bisabwa n’amategeko kuvyerekeye kunganisha amoko

Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe ASF rimenyeshako inyuma y’umwanya utari muto wo kwiyumvira ryasanze kwemera gukurikiza ivyo risabwa na reta y’uburundi vyoba binyuranye n’akarangamutima karyo ndetse n’intumbero ryashingiwe arinaco gituma ritazosubira gusaba ngo ribandanye rikorera mu burundi.

ASF riti naho tumaze imyaka mirongo ibiri dukorera mu Burundi tudahagaritse, turahagaritse ibikorwa vyacu kugahato, tubabajwe no kwugara ibiro vyacu vy’i Bujumbura tukazova  mu gihugu kw’igenekerezo rya 31 kigarama 2018.

Rivugako ugushaka gufasha abanyagihugu b’abarundi gushikira ubutungane nyabwo rikigufise, kuragaragara kandi ryitezeko zizosubira gufasha muri kazoza.

Iryo tangazo rimenshako bashimira abantu bose, amashiramwe n’inzego bakoranye mu Burundi kuva mu mwaka wa 1999 bakabipfuriza kubandanya ibikorwa vyiza.

Tubibutseko inama nkuru y’umtekano yahagaritse amashiramwe yose uko yarenga 130  y’abagiraneza kuva igenekezezo rya mbere z’ukw’icumi 2018 gushika 31 kigarama 2018 ngo abanze asabe kwemererwa gushasha akurikije amategeko kandi ko ingarukambi zitatevye kwibonekeza kubera nka yose yashikana imfashanyo mu banyagihugu ayandi akazicisha mumashirahamwe yo mu Burundi ivyatumye abakozi benshi batakaza akazi, abahora bashorerwa n’ayo mashirahamwe barabura ababashorera ndetse n’amazu yarapanzwe n’ayo mashirahamwe arimwo.