Pascal Barandagiye aritezwe muri Kenya kuri uyu wambere aho azogirisha inama impunzi z’abarundi

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye, aritezwe mw’ikambi y’impunzi z’abarundi iri Kakuma 4 mugihugu ca Kenya kuri uyu wambere igenekerezo rya 20/01/2020 aho azogirisha inama impunzi z’abarundi.

Amakuru dukura muri Kenya avugako impunzi zahahungiye zimaze imisi zibona ibimenyetso nk’ivyo zumva mumakambi y’impunzi z’abarundi ziri muri Tanzaniya, aho umutekano wazo udurumbanywa n’abantu bataramenyekana kandiko hamaze imisi haza abapasitori bava mu Burundi boba bikekwako baja gutanga inyigisho mu mpunzi ko zotahuka, bamwe mbere bakaba bahora basubizwa inyuma batinjiye mu makamba iyo abaharanira agateka ka zina muntu begereye ayo makambi babimenye kare bakabimenyesha abajejwe umutekano.

Mu misi iheze hoho hakaba harahatswe kwaduka ugucanamwo hagati y’impunzi z’abarundi bahunze mumwaka wa 1972 n’iz’abahunze muri 2015 ariko Imana ikaba yarakinze, hakaba hari hamaze imisi kandi n’ibihuha vyinshi ko abasudani yepfo bazohava batera amakambi y’impunzi kur’uhande rumwe, k’urundi narwo hakaba ukwinuba uwuserukira impunzi w’umurundi ko yoba acuditse n’ubutegetsi bwa CNDDFDD bw’i Gitega.

Tubamenyesheko uwo mushikiranganji Pascal Barandagiye yari yaragiraniye amasezerano na mugenziwe wo mu gihugu ca Tanzaniya yo gutahukana impunzi z’abarundi zitari munsi ya 2000 kundwi kundwi kuva kw’igenekerezo rya 01/10/2019 ariko bikankako impunzi zemera gutaha zose. Ico gihe ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi HCR ryaciye rimeneshako ibisabwa ngo impunzi z’abarundi zitahuke bitarakwira kubera umutekano muke zahunze utaragaruka, ivyaguma y’akamo katewe n’amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu yo mu Burundi na mpuzamakungu.