Yatondeye igitoro none yabuzwe irengero

Umushoferi wo kuri misiyoni y’ishengero rya pentecôte ya Ntahangwa,  mu gisagara ca Bujumbura yitwa Daniel Barutwanayo yatondeye igitoro kumunsi wa kabiri igenekerezo rya 18 Ruheshi 2024 aca atwarwa n’imodoka yo mw’iperereza n’ubu umuryango wiwe nturamenya aho apfungiwe.

Nk’uko amaku ashikira ikinyamakuru Itara Burundi avugako Daniel, Imbonerakure yiyemera ivuka muri zone Mitakataka akaba bivugwako yari mubarongoye umutumba, yagiye gutondera igitoro nk’abandi bose kuri station atwaye imodoka yo mubwoko bw’ibeni yarasanzwe anyonga yo kuri misiyoni y’ishengero rya pentecôte ya Ntahangwa, bararindirako agaruka barabura narirya yarasanzwe ataha kurusengero ku Ntahangwa agataha iwe mumpera z’indwi.

Ubutumwa bwanyuma bivugwako yanditse bwavuga ngo: « Jewe imodoka yo muri documentation irantwaye ». Kuva uwo munsi télephones  ziwe zose ntizirasubira gukora. 

Umuryango wiwe waramenye amakuru ko uwabo yatwawe n’imodoka yo mw’iperereza, ejo kuwagatatu niho baza kubaza kukazi aho uwo mushoferi Daniel asanzwe akorera ko araboneka baramubura. N’umubabaro n’agahinda kenshi , umupfasoni wiwe akaba yaragerageje kurondera mubusho bwose arahebura ariko gutabaza umuryango ukamufasha kurondera Daniel bakabura.

Bagasaba uwoba yaramufashe kubimenyesha umuryango ukamenya ico uwabo apfungiwe n’aho apfungiwe umutima ugasubira munda.

Amakuru tubandanya turonka  akavugako Daniel yari Imbonerakure, yatondana kukazi impuzu z’umugambwe uri kubutegetsi CNDDFDD canke izicapfyeko umuhisi Petero Nkurunziza kandiko yari yararwaniye umuhari FDD ukiri mw’ishamba.

Tubamenyesheko umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gélase Ndabirabe yaheruka gusaba ko igihano co gupfa cogarukanwa mu Burundi bakica abanyegeza igitoro. Ivyo bikaba vyatumye hibazwako n’abatondera igitoro bashobora kuba bahereweko mu kwicwa mugihe uwo mushoferi Daniel Barutwanayo atoboneka.