Burundi : Ikiza ca marariya coba arico caraye gihitanye Kacaman, umwana yatwenza cane

Umwana yitwa Darcy Iradukunda batazira Kacaman w’imyaka itandatu, yavuka i Gitega akaba yaritavye Imana kur’uyu wagatatu igenekerezo rya 8/8/2019 mwivuriro rimwe ryo mutara ya Gitega, umugwa mukuru wa politike.

Uwo mwana Kacaman yari umukinyi akomeye cane w’udukino dutwenza(comédien), yaramaze kumenyekana mu Burundi aho yarasigaye akina n’abakinyi b’ikiganiro gikundwa cane Ninde n’ibindi bihangange mugutwenza yongera aremesha ibiteramo naho yarakiri muto ugereranije n’ibikorwa akora. Yari umwana afise imyaka itandatu  akaba yari yiga mumwaka wambere w’amashure matomato (fondamentale).

Abavyeyi biwe bari bafise ubuzima butoya aho bivugwako se wiwe yari kimyozi(amwa imishatsi muri salon de coiffure) bikavugwako yahitanywe n’ikiza ca marariya cabaye ndanse mu burundi.

Tubamenyesheko Kacamen yari umu comédien yaramaze kumenyekana kumbuga ngurukanabumenyi za facebook na Youtube, umuryango ubuze umwana yowushikanye ahantu heza kuko vyaboneka ko Kacaman atari umwana asanzwe.