Burundi : Urupfu rwa Edith Nizigiyimana rwatumye abantu bibaza ibibazo vyinshi k’ubutungane bw’uburundi

Urupfu rwa Edith Nizigiyimana, rwabaye ku munsi wa mbere igenekerezo rya 1 Nzero 2024 mw’ibohero rikuru rya Mpimba rwaratumye abantu bose bumvise iyi nkuru iteye agahinda bibaza ibibazo vyinshi k’ubutungane bw’uburundi.

Nk’uko amakuru ashikira Itara Burundi abivuga, Edith Nizigiyimana yahagaritswe kubera vyanse ko ariha amafaranga y’ideni yarafitiye abo basangiye ikirimba (SILC) aca apfungirwa mugasho ko mu  Kinindo mu gisagara ca Bujumbura kumutahe wo kumuhagarika watanzwe n’umushikirizamanza wa Republika muri Muha, Albert Bucumi.

Kuwa 29 Kigarama 2023, yararengutse imbere y’uwo umushikirizamanza Albert Bucumi aho yemeye ideni afise ry’imiriyoni cumi na zitandatu z’amafaranga y’amarundi (16 000 000FBu) agasigura icatumye ateba kwishura iryo deni ko ari kubera indwara.

N’ubwo vyagenze uko, umushikirizamanza Albert Bucumi yaciye afata ingingo yo gupfunga ivy’imfatakibanza Edith Nizigiyimana ndetse n’umugabo wiwe yari azanye amafaranga imiriyoni zine n’amajana atanu (4 500 000FBu) yo kuba arishura, yemera gutanga n’imodoka yiwe nk’ingwati kugira izoce igurishwa niyo atishura iryo deni ariko Edith Nizigiyimana ntashirwe mw’ibohero.

Umushikirizamanza yagumijeho ingingo yo gupfunga ivy’imfatakibanza Edith Nizigiyimana naho umugabo wiwe yagerageje gusabako ivyanse yopfuma apfungwa mukibanza ciwe asigurako umugore wiwe afise indwara ya hasima ishobora kumuhitana mugihe yopfungirwa mw’ibohero rya Mpimpa. Albert Bucumi niko kurungika Edith Nizigiyimana mw’ibohero rya Mpimba atakinya.

Inyuma y’imisi itatu apfunzwe, Edith Nizigiyimana yaciye yitaba Imana kubera ya ndwara ya Hasima kw’igenekerezo rya 1 Nzero 2024.  Ubu akaba aruhukiye muburuhukiro bw’ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge aho bitegekanijweko azoshingurwa kw’igenekerezo rya 10   Nzero 2024.

Pacifique Nininahazwe, asanzwe aharanira agateka ka zina muntu yakurikiranye ino nkuru y’umubabaro dusanga kurubuga rwiwe rwa X hari ibibazo bibiri yabajije umushikiranganji w’ubutungane Domine Banyankimbona: « 1. Gushika ryari muzoguma mukingira ikibaba abashikirizamanza batigera bubaha ubuzima bwa kiremwa muntu ? 2. Ni ryari muzofata ingingo yo kugira amatohoza kumpfu z’abanyororo umwe kuwundi ?

Mwomenyako abaharanira agateka ka zina muntu bafise uruhara ntangere mugutuma amategeko n’amabwirizwa kirumara mukubaho kw’abanyagihugu yubahirizwa muntumbero yo gutsimbataza ubutungane kuri bose. Ivyo bibazo vyabajijwe na Pacifique Nininahazwe birahambaye cane kuburyo bikeneye inyishu zivuye kundongozi z’igihugu.

Umushikirizamanza Albert Bucumi  yafashe ingingo yo gupfunga ivy’agateganyo Edith Nizigiyimana mugihe yasiguriwe neza imvo zose kandi yumva uko ubuzima bwiwe bwifashe.

Urupfu ruteye agahinda rwa Edith Nizigiyimana rwaratumye benshi bibaza ibibazo bitari bike kubijanye n’ipfungwa ivy’imfatakibanza hamwe n’uko agateka k’abapfunzwe koba kifashe.

Mu bisanzwe gupfunga ivy’imfatakibanza umuntu bitegerezwa gukorwa mubwitonzi kandi iyo bibaye ngombwa. Ibituma umuntu apfungwa ivy’imfatakibanza bitegerezwa gusigurwa neza hakerekanwa n’ikiringo umuntu amara apfunzwe ivy’imfatakibanza. Bibonekako ingingo ya  Albert Bucumi  ko itumvikana kandi yatumye Edith Nizigiyimana apfa urupfu ruteye agahinda.

Nka wewe wumvise  ino nkuru ubivuzeko iki ?