Burundi : Abaforoma bo kw’ivuriro rya Kigarika mu Cendajuru barimenyereye

Nk’uko amakuru dukura mu Cendajuru, intara ca Cankuzo abivuga, Didier Ndereyimana arongoye ivuriro ritoya rya Kigarika riri mur’iyo komine avugako ashobora kumara amezi atatu yibereye mubikorwa vyiwe, abaforoma atwara nabo bagaca bamwigana, abagwaye bakarwa mumporero kandiko n’abamutwara mu ntara batayobewe ibihakorerwa.

Ikinamakuru Itara Burundi twaronse amakuru avuga ko Didier Ndereyimana, arongoye ivuriro rya Kigarika yitayeho imirima yiwe y’ibigazi agakoresha n’uburyo bwa reta, ndetse n’ipipipiki y’akazi nshasha yahawe igasigara ikoreshwa ivyiwe gusa . Imyidogo y’abanyagihugu bivuriza kur’iryo vuriro ikaba irenze urugero kubera imisi nka yose haba hariko hakora umuforoma umwe gusa. Uwo nawe akakira abarwayi, akabapima, akabaha imiti abandi baganga bigitiye kwikorera ivyabo kuko uwobahanye nawe aba yibereye muvyiwe.

Ikinyamakuru Itara Burundi cagerageje kurondera Muganga Ferederiko arongoye intara y’ubuvuzi ya Cankuzo kugira tumubaze amakuru avugako uwo Didier Ndereyimana ahora atanga amafaranga mu nzego z’itwara ivy’ubuvuzi nazo ngo zame zimuha amanota meza zongere zirengagize amakosa akora ariko uwo nawe yaturungitse ku muvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu.

Twarondeye umuvugizi w’ubishikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya ikiza ruhonyanganda SIDA kugira tumubaze nawe n’ibindi bibazo ariko yasomye ubutumwa bwacu bwo kuri whatsapp ntaco yatwishuye.

Mwebwe aho muherereye amavuriro matoya akora gute ?