Burundi: « Genda mwiyamirize umukuru w’igihugu yemera ko bamuhindurira idarapo iyo agiye mu mahanga nka Irani »

Uwobwira abari mu myiyerekano y’ingoma ejo haheze, ati genda mwiyamirize umukuru w’igihugu yemera ko bamuhindurira idarapo iyo agiye mu mahanga nka Irani, nta n’umwe wobona ! Aha Petero Nkurunziza yari muri Irani muri 2013 agifise iteka ryo gusohoka igihugu akicarana n’abandi bakuru b’ibihugu.

Ni igiki catumye idarapo ryacu rihindurwa ico gihe? Ibihugu bifise idarapo birimwo urunyenyeri rw’amasonga atandatu (étoile de David) ni bibiri kw’isi: Uburundi na Israël. Kubera Irani yankana urunuka na Israël, ntibashobora kwemera urwo runyenyeri mu gihugu cabo. Niyo mpamvu idarapo ry’Uburundi kugira ryemerwe babanje kurihindura, bashirako inyenyeri z’amasonga atanu. Maze Nkurunziza aragenda afise idarapo ritabaho mu gihugu na kimwe, kuko idarapo ry’Uburundi riravuzwe neza mw’ibwirizwa shingiro uko rishushanijwe.

Nta kuntu ivyo navyo vyoronka imyiyerekano ga yemwe ?

Mbega abahinduye ingoma bo, bakayigira iy’umugambwe, bakayandikako amajambo atera ubwoba abatawurimwo, bakayiremeka inkona, ubwo bo wa mushikiranganji ntaco yobabwira? Nkeka nabo nyene barivye ingoma n’imico kama y’abarundi …

Ivyo vyanditswe na Pacifique Nininahazwe kurubuga rwiwe rwa facebook