Burundi : Rwandophobie, indwara yo kwanka abanyarwanda imaze guhitana umuntu umwe, abanyamulenge barenga 92 barahagarikwa basubizwa mumakambi y’impunzi.

Inyuma y’ivyashikirijwe na Petero Nkurikiye yiyita N.Peter, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere ridakumira kw’igenekerezo rya 8 gitugutu 2020 ari mu ntara ya Gitega, uruhigi w’abavuga ikinyarwanda rwaciye rutangura ubu umuntu umwe akaba amaze kwicwa, abanyamulenge nabo basubizwa mumakambi.

N.Peter, yasavyeko uwuzobona umuntu avuga ikinyarwanda wese ko yomuhagarika akamushikiriza abajejwe intwaro n’umutekano bakamubaza ikimugenza. Munyuma niho uwitwa Sibomana Jean Paul, umurundi yigeze kuba mu Rwanda yicwa n’imbonerakure muri komine Bugabira intara ya Kirundo kuw’Imana igenekerezo rya 11 gitugutu 2020, abanyamulenge 61 baba muntara ya Gitega nabo basubizwa mwikambi y’impunzi y’i Bwagiriza mu ntara ya Ruyigi, 31 bandi baba kumurwa mukuru w’intara ya Muyinga basubizwa mw’ikambi y’i Gasorwe mur’iyo ntara.
Amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi akamenyeshako abanyamulenge benshi inyo bimirije kujanwa mu bindi bihugu baca baja kuba hanze y’ikambi bahunga uburozi bwabenewabo.
Tubamenyesheko abarundi bahunguka bavuye mugihugu c’urwanda inyuma y’imyaka itanu abenshi usanga bavuga ikinyarwanda narirya kurugero rwoba rurenga 95% urwo rurimi rusa n’ikirundi. Hakaba hari ubwoba ko iyo ndwara yo kwanka abavuga ikinyarwanda (Rwandophobie) ishobora guhitana abarundi benshi bahunguka bava mu Rwanda.