Uganda: Impunzi zatswe ingoma z’uburundi

Kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 21 gitugutu 2022,  kw’itegeko ry’ubuserukizi bw’uburundi, igipolisi ca catse ingoma umurwi w’impuzi wo mugihugu ca Uganda uteramisha abantu mugihe wari wateguye igiteramo.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, Miracle entertainment group, umurwi wo guteramisha abantu ugizwe n’abarundi bahungiye mugihugu ca Uganda wari wateguye igiteramo ahitwa Hotspice bar Restaurant Kabusu Kla maze haza igipolisi sambiri zijoro kirikumwe n’abakozi batanu bo mubuserukizi bw’uburundi mur’ico gihugu, bafata ingoma z’uburundi z’uwo murwi bazipakira imodoka barazitwara.

Abarundi n’abanyamahanga bari biteze umurisho w’ingoma baba batahanye umubabaro.

Mwebwe mubivuzeko iki?