Burundi: Umutahe w’amafaranga 24000FBu uratunze impunzi iba muri Kenya

Innocent Havyarimana yatanguje umugambi wo gukora amasabune afise amafaranga igihumbi y’ama kenya ni ukuvuga 24000 y’amafaranga y’amarundi none akoresha abakozi 18 agashobora kwirihira amashure akanikenura.

Nk’uko yabituganiriye, Innocent Havyarimana yari yize kaminuza y’uburundi aca agenda kubandaniriza mu gihugu ca Kenya aho yari yahingiye .

Amasabune Innocent akora akongera akayagurisha

Nk’uko mwamwiyumviye Innocent Havyarimana ahanura urwaruka rwahejeje amashure kwironderera ico rwokora rutarinze guhanga amaso reta ngo niyo itanga ubuzi. Agasaba ababishoboye kumufata mumugongo akagura imashine yomufasha gukora amasabune menshi akagura isoko y’umwimbu wiwe.

Aboba bafise ico bomufasha bomuronka kuri whatsapp +254703937397