Burundi : Naho ibanki nkuru y’igihugu BRB yiyamirije amafaranga bita BitCoin n’ayandi yo kuri internet abantu babandanya gushiramwo imitahe yabo.

Mugihe ibanki nkuru ya republika y’u #Burundi , BRB iheruka kugabisha abantu bakoresha amafaranga yo kuri internet(monnaie virtuelle). Imenyeshako itayemera kandi ata gihugu cemangako kiyiyitirira kwisi. Ikavuga: #bitcoin ,#Ether#Litccoin,#Dogecion#Onecoin#BTC#Fahari Cash Coin n’ibindi mw’itangazo kw’igenekerezo rya 20/8/2019 abanyagihugu babandanya gushira imitahe mur’urwo rudandazwa.  

Hari amashirahamwe abandanya urwo rudandazwa rw’amafaranga atemewe n’ibanki  nkuru ya republika y’uburundi BRB, mur’ayo twamenyemwo iryitwa Ello Community Company rikorera iruhande y’ikibanza ciritiwe ukwikukira kw’uburundi mu nyubakwa yahozemwo Leo Burundi mu gisagara ca Bujumbura muri étage ya kabiri na Fahari Cash Coin company ryoba rikorera kuri avenue de m’amitié.

Tubajije uwegereye Ello Community Company batumenyeshako isoko mpuzamakungu bita DESK ritarashinga ibiciro kugirango abatanze imitahe yabo bashobore kuronswa inyugu. Aho akaba ari inyishu y’ikibazo twari tubajije igituma abarengeje amezi atatu batanga amafaranga bidogako batararonswa inyugu.

“Uwitwa Désiré yahora ari umupolisi batazira Maso akiyita Comiseri akaba ajejwe gucungera umutekano mur’iryo shirahamwe , umusenyeri mugipoloti yitwa Rutozi Tharcisse yahoze ari umupatiri ubu akaba asengesha mu ngoro yo kugwego rw’igihugu y’umugambwe CNDDFDD, uwitwa Déo(Umugore wiwe akaba yaratwaye ishirahamwe ryakora nka Ello Community Company ariko ryugaye) , Réné umuyobozi akaba arinawe aserukira iryo shirahamwe imbere y’amategeko, umukoroneri batazira Kirapanze ubu ari mubutumwa bwo kugarukana amahoro muri Centre Africa hamwe n’uwita Joseph aza avuye i Gitega kukirimba c’umukuru w’igihugu, agenda aracumbagira kuri bakiye wewe akababwirako avugana n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza .” Ivyo dukesha isoko ry’ayo amakuru.

Umwe mubakozi ba BRB ariko atashimyeko twomuvuga izina yatumenyeshako iyo banki yiyamirije urwo rudandazwa rw’amafaranga yo kuri internet ko abo babandanya bayadandaza ari “Urudandazwa rwa magendu”.

Yongerako ko uwoshikira abo bantu bariko bashiramwo amafaranga yobaburira ko bariko barasahurwa.

Mugihe abitura ayo mashirahamwe basangayo ibihangange mumugambwe uri ku butegetsi CNDDFDD hamwe n’abategetsi mugipolisi n’igisirikare ndetse n’abakora ku kirimba c’umukuru w’igihugu, bamenyeshako baguma bizerako batokwibwa hanyuma ngo vyijane abandi tubabajije bakatubwirako ababinjiza nabone atanyungu barakurayo ahubwo ko bazoronka inyugu aruko binjije benshi. Hari abavugako batanze 200000F abandi amafaranga y’amanyaburaya 150 abandi ayarenga n’ubu bakiyatanga kubwinshi.

Tubamenyesheko iryo shirahamwe Ello Community rirongowe na Jean Réné Habincuti ryatanguye gukora mu burundi kuva mu kwezi kwa gatanu 2019 kandi  bikavugwako rifise impapuro zisabwa na reta zose ndetse n’abakozi baryo bakaba baragize defire yo kw’igenekerezo rya 01/7/2019 uburundi buhimbaza imyaka 47 iheze buronse intahe yo kwikukira. Amakuru akabandanya avugako iryo nshiramahamwe riheruka kwugurura ibiro vyaryo mu ntara ya Makamba aho ribandanya kwegeranya imitahe ariko atanyungu abayitanze baronswa.

Twagerageje kurondera abarongoye iryo shiramamwe ngo bagire ico batubwiye kuri ivyo bibavugwako ariko ntitwashoboye kubaronka. Uwobashikira canke akaba afise ayandi makuru yotwandikira kuri kuri e-mail yacu info@itaraburundi.com agaha kopi jkazabukeye@gmail.com .