Burundi : « Uwuriko arakorera mukibanza, niwe ajana amahera yo gupanga kuri compte ya OBR »

Ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR carasohoye itangazo kuwa 7 Mukakaro 2023 aho kimenyeshako kuva ubu uwuriko arakorera mukibanza, niwe ajana amahera yo gupanga kuri compte ya OBR mugushira mungiro itegeko reganga amafaranga reta izokoresha mumwaka wa 2023-2024.

Nk’uko amakuru yatohojwe n’ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, mumihingo myishi y’igihugu hari abantu bafashe amazu ya reta haba amasoko canke inzu za INSS bakazikotesha kumafaranga y’umurengera bigatuma abaguzi baca bazimbwa iyo bakeneye ico bagura bivuye ko aho kuriha reta bariha uwabakotesheje.

« Nta intermédiaire abaho mu vya Leta. Uwuriko arakorera mukibanza, niwe ajana amahera yo gupanga kuri compte ya OBR. Ibisigaye , itangazo ririkwiye »

Umuvugizi wa OBR yishuye ikibazo c’ikinyamakuru Itara Burundi aho twari twabajijeko abapangishije amazu bafise mumasoko ko aribo bazobandanya barihisha n’uko ari abahakorera bazokwirihira.

Itangazo rya OBR

Tubamenyesheko nko mw’isoko rikuru rya Gitega havugwa umugore yarafise ibibanza birenga 20 akarihisha amafaranga ari hagati ya 100 000FBu na 200 000 FBu kukwezi kuri kimwe kimwe mugihe muri komine nawe yariha gafati ya 22 000 FBu na 50 000 FBu. Mumasoko y’i Bujumbura hoho bivugwako hari abariha ayarenga 300 000FBu kukwezi.

Ivyo vyatuma ikigo OBR kitaronka amafaranga yo mu masoko akwiye kubera abadandaza bayaha bene kubapangisha ivyo bibanza vya reta.

Amakenga y’abadandaza

Mugihe hari abari baraguze ibibanza bakoreramwo bagaca babandanya bakorera kumazina yabene ibibanza bafise ubwobako amakomine azoca abaka amafaranga yo guhindura amazina, abandi bati uwarafise ibibanza akotesheje ashobora gusohora abahakorera, abandi bati ko reta ari mvyeyi ntiyokwemerako abantu bokwiryamira hanyuma bakaza baratoza amafaranga y’umurengera aruta ayo reta itwara, hari n’abavugako batokwakwa ibibanza biyubakiye mumasoko.

Mwebwe aho muherereye bimeze gute ?

Iyo ngingo yakiriwe gute?