Burundi: Ni bande bunguka iyo igitoro cabuze?

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, ikena ry’igitoro ryoba riva kubantu babifisemwo inyungu.

« Twahora twibazako uwahora atuma igitoro gikena hamwe n’ibiciro biduga apfungiwe i Ngozi ariko ntakuri kurimwo, ». Umwe mubavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi yidoga kubera ikena ry’igitoro.

Amakuru twaronse n’uko mugihe igitoro kiba cabuze ariho abadandaza baco bunguka ndetse n’abakozi batobato bagashikirwa.

Umwe mubatanga igitoro yavuzeko iyo igitoro cabuze atigera atahana munsi y’ibihumbi ijana na mirongo itanu (150 000FBu) kumusi. Iyo kibuze imisi cumi mu kwezi murumvako umushahara wiwe aba yawurengeje cane kuko ashobora kuronka umuriyoni n’inusu(1 500 000FBu) utari muyo ahembwa. Akavugako ayo mafaranga ayahabwa n’abo aba yakinyegereje bagaheza bakamupfumbatisha, iyo igitoro cabonetse aba pompistes baba bari mumubabaro ntangere.

Uwundi murwa w’abungukira mw’ibura ry’igitoro  nk’uko amasoko y’ikinyamakuru Itara Burundi abivuga ni abatwara amapikipiki n’amatagisi: Abo nabo bakaba baca bavoma igitoro baba banywesheje bakakigurisha kumacupa ya Kinju aho rimwe baheza bakarigurisha hagati ibihumbi cumi  na bibiri(12 000FBu)  na cumi na bitanu(15 000FBu) kw’iritiro n’igice. Abo bagaheza bakavuhako biriwe batondeye igitoro basebuja bakarara bataronse aya versement kuko umushoferi yungukira mur’uwo rudandazwa kurusha kwirirwa arororeye abakiriya.

Abanyagihugu bakaba bariko baridogera reta ko yoba ibifisemwo uruhara kubona umunyagihugu wese ashobora kwishingira ibiciro vy’igitoro, isukari n’ibindi vyankenerwa atacamira nayo ikarorera mubandi. Bakibazako ari kubera abenshi mubofashe ingingo bari mubadandaza bikanka ko bihombesha.

Mwebwe aho muherereye ibiciro vyifashe gute?