Burundi : OBR yarananiwe kurihisha itagisi y’ibarabara ica yikora OTRACO ngo iyifashe

Mw’ikete ishirahamwe rijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi OBR ryandikiye ishirahamwe rijejwe gutwara abantu n’ibintu OTRACO kw’igenekerezo rya 14 kigarama 2022, risabako umuntu yoja gukorera kontorore tekenike yoca asabwa urupapuro rwaho yarihiye ikori ry’ibarabara (redevance routière) ry’umwaka wa 2022.

OBR yasavye OTRACO ko umuntu azoja kurondera kontorore tekenike muri OTRACO yobanza kwerekana ko yarishe ikori ry’ibarabara y’umwaka wa 2022 ngo niho amafaranga yoshobora kwinjira uko yategekanijwe.

Amakuru dukura mubegereye ishirahamwe OBR amenyeshako abantu bafise ingendeshwa banse kuriha  iryo tagisi ry’ibarabara kandi ingendeshwa zinjira kubwinshi mu Burundi

Abahinga muvyo gutoza amakori n’amatagisi  bavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi bamenyesha imvo nyamukuru zibiri zituma iryo kori ry’amabarabara ridatangwa neza nk’ayandi matagisi : ivyo bahurizako nuko abatangakori batigishijwe bikwiye akamaro k’iyo tagisi kandi nayo ubwayo ari amahera menshi basabwa kandi bari basanzwe batanga amakori, amatagisi, kontorore tekenike, asiransi, intererano zitandukanye, abakozi banyonga izo ngendeshwa… Ivyo rero ngo bikaza bisigurako naho boyatangishwa kunguvu ataneza bazokwigera bayabonamwo.

Tubamenyeshe iyo tagisi itangwa uku gukurikira kumwaka kumwaka :

Imoto itanga 10000FBu

Ingendeshwa y’amapine atatu canke ane ariko idafise moteri nk’iy’imodoka iriha 20000Fbu

Imodoka iriha 100000FBU

Ariko rero imodoka ziriha hakurikijwe ubushobozi bwa moteri yazo

Iyirimunsi ya 2000cc iriha 50 000FBU

Iyiri hagati ya 2001 cc na 3500cc iriha 100 000FBu

Iyiri hagati ya 3501 cc na 4500cc iriha 500 000FBU

Mugihe imodoka irenza 4500 cc isabwa 1000 000FBU

Twobamenyesha kandiko umuntu azocerwa kuriha iyo tagisi azoca arenzako amande angana 50% y’ayo yasabwa ; ni ukuvugako uworishe 500 000FBu azoca ariha 750 000FBu, uworishe 1000 000FBu akazoca ariha 1 500 000FBu, gurtyo gurtyo.

Mubivuzeko iki ?