Mugihe abatozwakori batanga amakori n’amatagisi kugira reta ibakorere ivyo bipfuza harimwo no kubacungerera umutekano, abarongoye igipolisi c’uburundi bamwe bamwe mu gisagara ca Bujumbura mur’ino myaka bagize urudandazwa rwo mw’ibanga bakoresheje abapolisi batobato. Abo bapolisi bacungera abantu n’ibintu ku mafaranga kurya kw’abakozi bo mumashirahamwe yigenga(société de gardiennage: City Security company, VB, TORES, PSG, NISTEC, KKSecurity, Rukangantare, Safe Guard,…).
Muti bimeze gute ?
Hari abapolisi bacungera ama banki, ama mikrofinanse, ama sitasiyo y’igitoro, amamangazini manini manini,… ndetse n’abantu kugiti cabo bakeneye abapolisi babacungerera umutekano barabaronswa ariko bikavugwako hari amafaranga baheza bagatanga mumbavu yo guhemba abo bapilisi arenga ku mushahara(Primes). Bivugwako uwo bita decorps akebukana n’akeneye abapolisi hanyuma comeri ajejwe igipolisi muri marie ya Bujumbura nawe bakavuga ukwiwe, ico bavugana baco bikavugwako ari amafaranga, bamwe bakanibazako ari igiturire.
Abo bapolisi hari abahabwa uburusho koko nk’abarya baherekeza amafaranga y’amabanki abandi nabo bakabikora bahembwa umushahara wa reta gusa nk’uko bisanzwe.
Bivugwako intandaro yo gutegeka abafise ububare mu gisagara ca Bujumbura ngo bakoresha abakozi n’ibiburiburi babiri kukabere bo mumashirahamwe yigenga yo gucungera umutekano, coba ari igihano bahawe inyuma yo kwanka gutanga amafaranga yo guhemba abapolisi babiri babiri ku kabare ngo bacungere umutekano. Abo badandaza bakaba boba batumva ukuntu borinda guhemba abapilisi ku ruhande kandi basanzwe batanga amakori n’amatagisi asabwa na reta ari nayo yovamwo imishahara y’abapolisi.
Twagerageje kurondera umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano ngo aduhe umuco kur’iyo myidogo y’abanyagihugu ariko ntitwashoboye kumuronka.