Burundi : Ivy’intambara ishobora kwongera kwaduka

Mu misi iheze twarabashikirije amakuru y’abantu bamwe bamwe bamaze imisi babiba amacakubiri y’amoko mu Burundi muburyo bwishi, bigashobora gutera intambara .  Ivyo icegera c’umukuru w’umugambwe CNDDFDD , Josepf Ntakarutimana  amaze imsi ashikiriza muri mu ntara zitandukanye harimwo na Makamba, harabo vyateye ubwoba ko uwo mugambwe woba uriko ubiba amacakuburi kandi witegurira intambara.

Imbere yo gushimira abanyamugambwe binjije abahungutse mu mugambwe NCDDFDD kubwinshi, uwo Joseph Ntakarutimana yavugako yatumwe na Reveriyano Ndikuriyo muntara yiwe ya Makamba.  Yarashikirije amajambo ahinyitse yerekanako hari umugambi wo gukenesha abantu yise « Ibinebwe », imvugo iharawe gukoreshwa n’abanywanyi ba CNDDFDD ivuga abarundi bari mubwoko bw’abatutsi. Amajambo akomeye yayavuze abayumva bumvanko mukuvyura urwanko rw’ubwoko yishimikije intambara yo mu mwaka wa 1972 n’indyane za politike zo mumwaka 2015, avyura urwabko n’inzigo kubatari bake.

Ikindi urwo rwego mu mugambwe CNDDFDD yavuze n’uko abarundi bavyanka babikunda, uwo mugambwe ko uzobatwara gushika 2050, ivy’amatora yo mumwaka wa 2025 na 2027 avugako bazoronka amajwi ijana kwijana, avugako abanka kwinjira mur’uwo mugambwe bazoguma bawubona kubutegetsi .

Abakurikirana ivy’uburundi baricurako hatabuze icinyegeje inyuma y’inyigisho ben’izo harimwo ndetse n’iz’igisirikare bivugwako zimaze amezi zitangwa ku mbonerakure hirya no hino mu gihugu. Ikinyamakuru Itara Burundi kikaba gifise amakuru avugako hamaze imisi hibonekeza ikumirwa riteye ubwoba ry’abatutsi  ahatari hake, bikaba bihagaritse umutima abatari bake baguma bicurako hashobora kwaduka intambara.

Imbonerakure 550 zaronkejwe certificats z’inyigisho z’umugambwe CNDDFDD hamwe no kwiteza imbere mu ntara ya  Gitega. © RTNB