Burundi : Abasoda b’abarundi barenga 54 bishwe abandi baburirwa irengero muri Somaliya

Somalie

Abasoda b’abarundi barenga 54 bishwe abandi baraburirwa irengero mu gitero cabaye kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 rusama 2022 mu gihugu ca Somaliya iyo bari bagiye mubutumwa bwo kugarukana amahoro.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abimenyesha, abasoda bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro b’abarundi bari mugihugu ca Somaliya batewe n’umugwi w’abihevyi wa Al-Shabab hicwa abarenga 54 abandi bakaba bakironderwa. Ubu ikirindiro cabo kikaba kiri muminwe y’uwo mugwi.

Urubuga GoobJooge rwo muri somaliya rukaba rumenyeshako hasize ubuzima abasoda b’abarundi barenga 170 bari ahitwa Central Shabel. Reta y’Uburundi ikaba ataco irashikiriza kuri iryo bara ryaguye.

Ivyo bikaba bir’uko mugihe abasoda bari muri Somaliya  bari bamaze ikiringo c’umwaka bataronswa imishahara yabo. Imiryango ikaba isigaye mumadeni atagira uko angana.