Burundi: Muri Komine Mugamba vyayangaye

Burundi, amakuru

Mu misi iheze hari ibitero vyagiye biraba kwibarabara RN7 mur’iyo komine muri zone Vyuya kubirometero 74 uvuye Bujumbura aho hategerwa imitego imodoka ndetse imwe bikavugwako yaturiwe abantu batari bake bakahakomerekera. Munyuma urwaruka ruba ku birometero 68 uvuye i Bujumbura rukaba rwaciye rutangura gufatwa kubwinshi bakibazako ari urwanko rwari ruhasanzwe kuko abenshi muribo bari mubiyamirije ikiringo ca gatatu c’umuhisi Petero Nkurunziza muri 2015.

Uwitwa Batungwanayo Jean Pierre avuka  mu gacimbiri ka Baziro ,umutumba Nyakimonyi yarafashwe ajanwa gupfungirwa ahantu hataramenyekana kw’igenekerezo rya 9/09/2021.Kw’igenekerezo rya  20/09/2021 hafashwe uwitwa   Niyomugabo Aimé nawene avuka ngaho i Baziro  aho yurijwe umodoka yo mu bwoko bwa Pick Up.

Bukeye kuwa  21/09/2021 hafashwe uwitwa  yves Nzeyimana avuka mu gacimbiri Kariba umusozi Gataka akaba yakora akazi ko kwunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura aho yatwara ibisi uwo musi yafatwa akaba yururukijwe imodoka avuye ku Muhabo, ageze ku Muyange ariko avugana n’abunguruza abantu ku mapikipiki bahoze bakorana.

Burundi, amakuru
Aimé Niyomugabo na Yves Nzeyimana bose bavuka muri komine Mugamba intara ya Bururi

Kw’igenekerezo rya  25/09/2021 hafashwe uwitwa Kakunze Siméon avuka mu gacimbiri Baziro; umusozi Nyakimonyi, zone Vyuya.

Kw’igenekerezo rya  27 /09/2021 hoho hafashwe umutama arenza imyaka mirongitandatu (60ans) yitwa Salvator Nkurunziza  avuka  mu gacimbiri Zingati, umutumba wa Gataka ngaho muri komine Mugamba munyuma ararekurwa ariko abandi gushika uyu munsi ntawuzi iyo bafungiwe.

Abanyagihu bo muri komine Mugamba barahagaritswe umutima n’ivyo bitero vyabereye mur’iyo komine bakababazwa n’uko vyaje vyongereza umurindi w’urwaruka rufatwa kuva imbere yaho nk’uko twabibashikirije kw’igenekerezo rya 1 nyakanga 2021 . Hari n’abishwe aho vyagirizwa komiseri Moise Arakaza batazira Nyeganyega, ubu yajanywe gukorera mu ntara ya Bujumbura muri komine Kabezi.