Burundi : Lt-Col Alfred Mayuyu ari mubazoja i Kigali gutohoza ku gitero cabereye i Marura mu ntara ya Cibitoke.

Inyuma y’itangazo ryasohowe na reta y’uburundi kw’igenekerezo rya 26 Munyonyo 2019, ibicishije kumushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu ryiyamiriza igitero cabereye mu ntara ya Cibitoke kuma genekerezo ya 16 na 17 munyonyo 2019,  kigahitana abasirikare batari bake, aho mur’iryo tangazo yagabishije amakungu ko aramutse yirengagije ikibazo uburundi bufitaniye n’urwanda umutekano w’akarere uzohungabana, ihuriro ry’ibihugu vy’ibiyaga binini (CIRGL) riri muyatatswe ntiryatevye gushinga umugwi wo gukora amatohoza, aho ryashizemwo umurundi umwe ariwe Lt-Col Afred Mayuyu.

Mubantu 17, harimwo abaturuka muri republika iharanira demokrasi ya kongo 8 bahawe igikorwa na CIRGL co gutohoza ubwicanyi bwabereye i Marura muri komine Mabayi mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezezo rya 17 munyonyo 2019 nk’uko vyazindutse bica kumbuga za Whatsapp, Lt-Col Alfred Mayuyu agira 7 kurutonde rwahawe ico gikorwa gitegekanijwe kuva kw’igenekerezo rya 03 gushika kw’igenekezero rya 01 kigarama 2019.

Nk’uko ikinyamakuru Itara Burundi kibikura mukinyamakuru InnerCity Presse candikirwa kubiro vya ONU ico gihe  https://bit.ly/361AvEV  no mukinyamakuru Washingtonpost kubarungitswe muriyo misiyo n’amabi bagirizwa https://wapo.st/35Z7FVD, Lt Col Alfred Mayuyu yarirukanywe mu bari bagiye kugarukana amahoro mugihugu ca  africa yo hagati(Centrafrique), MINUSCA mu kwezi kw’umunani 2016.

Ico gihe hari habaye akamo katewe n’abaharanira agateka ka zina muntu mu Burundi bari bashize ahabona amabi yagirizwa uwo musirikare w’uburundi nko kurasa abantu bari bagiye gushingura ababo ku Mpanda  baguye mu ntureka zo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, kuba yoba yasohoye mu bitaro  vy’abasirikare mu Kamenge Lt Hermes Nduwingoma  akaja ku muhohosha ndetse ko yoba yarishe urwaruka rutari ruke kumatarike ya 11-12 kigarama 2015 inyuma y’ibitero vyagizwe ku makambi ya gisirikare.

Iryo yirukanwa muri MINUSCA rya Lt-Col Alfred Mayuyu ryariyamirijwe n’ibinyamakuru vyegereye ubutegetsi bw’i Bujumbura nk’ikiriho kitarugarwa (https://bit.ly/384pi8t) hamwe n’icoba  ar’icintererahamwe Free Rwanda ( https://bit.ly/2r2CI4l ) zasize zikoze ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu kibanyi c’urwanda, icatangaje akaba aruko womengo vyanditswe n’umuntu umwe.  

Mugihe hari imigwi igwanya reta yamaze kwiyitirira ico gitero. Muvyo umushakashatsi mu bijanye n’ihonyabwoko Thom Ndahiro wo mu Rwanda akaba yabwiye RPA mu kiganiro Kajugujugu co ku musi wa mbere igenekerezo rya 02/12/2019 ko reta y’uburundi imaze kugaragaza ko iriko itegura ihonyabwoko, mubimenyetso yatanze akavugako igeze kuntambwe ya 8 yo kuritegura ndetse ikorana n’interahamwe aravye imvugo yayo isa n’iyavugwa mu Rwanda imbere y’ihonyabwoko.

Tubamenyesheko iryo huriro ry’ibihugu vy’ibiyaga binini (CIRGL) rigizwe n’ibihugu cumi na bibiri arivyo Angola, Burundi, République Centrafricaine, République du Congo, République Démocratique du Congo, Kenya, Ouganda, Rwanda, Sudani ya ruguru,  Sudani yepfo,  Tanzanie na  Zambie.

Tukaba tutashoboye kuronka umuvugizi w’igisirikare c’uburundi ngo tumubaze icatumye batanga Lt Col Alfred Mayuyu kandi baziko na ONU itamwemera mugihe reta y’uburundi yasavye abobafasha gutatura amatati ivugako ifitaniye n’igihugu c’urwanda, urwanda rwakiriye impunzi zahunze ubwicanyi bwakozwe n’inzego za reta harimwo n’iyo ntwazangabo ko atangorane babonamwo ariko tukaba tutamuronse.