Burundi : Ikigega c’abasoda co kuziganya, kuguranana no kwiteza imbere, CECAD,ibanki yasahuhwe.

Amafaranga y’inyungu yaragenewe abanywanyi b’ikigega c’abasoda co kuziganya, kuguranana no kwiteza imbere CECAD aho gufasha abanywanyi baco afasha reta mumigambi itandukanye.

Mugihe ico kigega kigishingwa umutahe wavuye mubasoda bose aho umwe wese yatanga amafaranga y’amarundi ibihumbi bitanu(F5000) bivugwako bazoronswa uturusho nk’ingurane zisaba inyungu nkeya, gufashwa n’ibindi ico kigega carateye imbere aho gisigaye kirusha amafaranga amabanki atari make.

Nk’uko amakuru dukura muri CECAD abivuga: « amafaranga y’inyungu(dividendes) ico kigega kironka ntiyigera agaburwa hagati y’abanywanyi nk’uko ayandi mashirahamwe abigira yoba ariyo atunze reta. »

Mu nama y’urwego nshingwantwaro yabaye kw’igenekerezo rya 15 ruhuhuma 2019, ico kigega categetswe gushira mu rwego nshingwantwaro umuntu avuye muri reta kandi atari umusoda mugihe ico kigega kitemerewe kujamwo imitahe y’abasivire. Icatangaje abantu n’uko hapfunditsweko icicumi(10%) c’amafaranga y’inyungu azohora akoreshwa mubikorwa vya reta mumigambi y’iterambere kandi abasoda batarigera baronswa inyungu mu mitahe yabo.

Aho ni mugihe mu kwezi kw’umunani 2018, ico kigega catanze amadorari y’abanyamerika arenga ibihumbi cumi na kimwe(118630USD) mu marundi ico gihe yarenga imiriyoni amajana atatu na mirongo ibiri (F3320000000) kandi abasoda basanzwe bahembwa amafaranga y’amarundi

Tubamenyesheko muguhwamika abanyamitahe(abasoda n’abakukuruke) abarongoye CECAD vyavugwako izokwitwa CECADM mu nama twababwiye hejuru, bamenyeshako bagiye kubafasha mumigambi yo kwiteza imbere ariko gushika ubu ico kigega kikaba kibandanya kiri mu rwego rw’ama Microfinances kandi gifise amafaranga aruta kure ayamba banki amwamwe. « Dutinyako amategeko agenga amabanki yodufata tukazosanga hajemwo imitahe y’abatari abasoda » inyishu twakuye muri CECAD