Burundi : #Coronavirus: Hôtel source du Nil yugawe.

Ihoteri ikomeye, Hôtel source du Nil imenyeshako yahagaritse kwakira ingenzi no kwakira abayigana kuva uno munsi gushika igihe kitaramenyekana.

Mw’itangazo ryashizwe ahabona kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 02/3/2020, umuyobozi ajejwe intwaro n’ubudandaji amenshesha ati:

« …kubera imvo zitatuvuyeko, ibikorwa vyo muvyumba vy’amakoraniro, ibiro,ivyo gufungurira abantu,ivy’uburaro, ubwogero, bihagaritswe gushika hafashwe ingingo nshasha.. »

Bimwe muvyanditswe mu gifaransa

Amakuru dukura hirya no hino amenyeshako iyo hoteri ariyo igiye kuzohora yakira ingenzi zizoba zivuye mubihugu bivugwamwo ikiza ca CoronaVirus kimaze gufata abantu barenga 90000, abarenga 3000 bakaba bamaze kwitaba Imana.