Baratinya kuja mubantu batambaye udufukamunwa ngo boba bari gusa

Kuri uyu wa 21 ruhuhuma 2022 abana biga mu mashure matomato yo mu gihugu c’ububiligi bari munsi y’imyaka 12 bakurwako itegeko ryo gutonda ku mashure bambaye udufukamunwa.  Ngo hari abana boba batinya kuja mu bantu batambaye udufukamunwa ngo boba bari gusa. 

N’ubwo itegeko ryo gutonda bambaye udufukamunwa ryakuweho ngo hari abana batabonakumwe ivyo kuja kumashure batatwambaye: Ngo ari abana  bazinanye na bagenzi babo ar’uko bambaye udupfukamunwa, imyaka ibiri yose iheze batazinanye uko basa mumaso ndetse babwiwe ko ari beza bambwaye udufukamunwa. Ngo hari  n’abatinya gukura udupfukamunwa ngo baje mu bantu bavugako batinya kwerekana ubwambure bwabo.

Abahinga bagasabako kugira itegeko ryo gukura udupfukamunwa kubana bose ryosohoka aruko habanje kuba inyigisho kubana kugira bumveko kugenda utambaye agafukamunwa ari ibisanzwe.

Aho iwanyu vyakigwa gute ivyo kwambara canke kutambara agafukamunwa?