Burundi :Incanco za COVID-19 zirimuguta agaciro mugihe amafaranga ariko aribwa

Igihugu c’uburundi ni kimwe mu bihugu bitakiriye neza ingingo zikaze zo kugwanya ikiza ca COVID-19 harimwo n’incanco. Abantu bababa 10000 boba aribo bamaze kwicandagisha mubantu barenga miriyoni cumi  na zibiri n’ubwo incanco zirenga 300 000 ziri mububiko.  Amafaranga yoba yababa imiriyoni 900 yaragenewe guhemba abakoze mumugambi wo kugwanya ico kiza ubushikiranganji bw’ubutunzi bwaranse kuyasinya kubera harimwo amanyanga aboneka mu ntonde zakozwe.

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru Itara Burundi abivuga, hari ukutumvikana hagati y’ubushikiranganji bw’ikigenga ca reta hamwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu biciye mukigo COUSP(Centre des Opérations d’Urgences de Santé Publique). Bikaba vyavuye kumafaranga yababa imiriyoni amajana icenda (900 millions de francs burundais) zari zigenewe abakoze uko bashoboye mukurwanya ikiza COVID 19 kuva mukwakane 2021 gushika mukwa cumi na kabiri 2021. Abajejwe amagara y’abantu muntara no muturere tw’ubuvuzi bakaba boba baciye biyandikira abarongoye umugambwe CNDD-FDD muntara hamwe n’abari mumuhari w’Imbonerakure ataco bakoze, bituma ubushikiranganji bw’ikigega ca reta bwanka gusohora amafaranga bibonekako ariko aribwa atariko ahabwa beneyo.

Uwavuganye n’ikinyamakuru Itara Burundi yamenyeshejeko incanco za COVID-19 izoba zataye agaciro mumwakwa wa 2024 kandiko abazifata ari bake cane, batoba bararenga ibihumbi cumi mugihe incanco zavuye mu bushinwa, amarika n’ahandi zishika ama doze ibihumbi amajana atatu zivundiye mububiko. Nabo bakingiwe() bakaba ari ababa bibazako bazofata ingendo ahanini. Akamenyeshako iyataba ibanki y’isi yose yatanze 60% y’imfashanyo aja mukugura izo ncanco bobuze baronka amafaranga akwiye kuko hari imiriyoni 60 z’amadorari zokoreshwejwe mumyaka itatu muvy’incanco ariko zikaba zibuze abaziteza.

N’ubwo biruko, igitigiri c’abagwaye ikiza COVID-19 ngo caragabanutse cane kuburyo atawugiterwa ubwoba naco mu gihugu cose ariko kuvyo amafaranga abakozi bakoze baridogako bataronkejwe ibihumbi 200 bari bemerewe mugihe abakuru bobo baronka ibihumbi 300 uko bakoranye nabo bakaba bakorana hagati y’incuro imwe na zibiri uko ukwezi gutashe.